Kwiga igitabu Senga Imana
Igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri cagenewe kwigwa n’abashasha bahejeje kwiga igitabu Ubumenyi. Kwihweza ico gisohokayandikiro mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero, bizodufasha kumenya gukoresha ico gikoresho mu busuku vyongere bidufashe gutsimbataza urukundo be n’ugukenguruka dufitiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Dushobora gute kwungukira bimwe bishitse ku kwiga igitabu Senga Imana?
Kurongora inyigisho: Kubera ko tuzoja turarimbura ikigabane cose ku ndwi ku ndwi, abacungezi b’inyigisho z’igitabu bazokenera kugera umwanya babigiranye ubukerebutsi. Bizoba ngombwa ko badateba ku ngingo ntangamarara kugira ngo umwanya mwinshi bawuhebere amayagwa ahambaye kuruta, ayo usanga mu ngingo ziza hanyuma mu kigabane. Kwihweza mu ncamake ibiri mu ruzitiro rw’isubiramwo ruri ku mpera y’icigwa kimwekimwe cose, bizofasha abitavye ikoraniro kwibuka ivyiyumviro nyamukuru.
Ibibazo vy’ukuzirikanako n’ukuganirako biraboneka nko mu ca kabiri c’ibigabane biri muri ico gitabu Senga Imana. Akarorero tugasanga ku rupapuro rwa 48-49. Si ngombwa ngo ivyo bibazo bisomwe mu gihe co gusoma ingingo. Mu gihe umucungezi avyihwereza hamwe n’abo mu mugwi, akwiye gusaba ko ivyanditswe vyatanzwe bisomwa bikongera bikaganirwako uko umwanya ubibakundiye.
Ukwitegura imbere y’igihe: Kwitegurira neza inyigisho si ugupfa guca imirongo ku nyishu. Ukuzirikana ku vyanditswe vyatanzwe kujana n’isengesho kuzotuma tudategura gusa insasanuro tuza gutanga, ariko igihambaye kuruta kuzotuma dutegura imitima yacu (Ezr. 7:10). Twese turashobora kugira ico duterereye ku kuremeshanya mu gutanga insasanuro ata kwihariza ijambo.—Rom. 1:11, 12.
Kwiga igitabu Senga Imana bizodufasha kwiyegereza Yehova vyongere bituronse ivyangombwa bizotuma dufasha abafise imitima nziraburyarya kwifatanya natwe mu kumusenga (Zab. 95:6; Yak. 4:8). Nimuze twese twungukire bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo nziza yo mu vy’impwemu.