Amadini yose yoba yemerwa n’Imana?
Abac. 10:6, 7: “Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’i Sidoni n’iz’i Mowabu n’iz’Abamoni n’iz’Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba. Uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli”. (Mu gihe umuntu asenze ikintu ico ari co cose canke umuntu uwo ari we wese aho gusenga Imana y’ukuri, yo Muremyi w’ijuru n’isi, birumvikana ko ugusenga kwiwe kutemerwa na Yehova.)
Mrk. 7:6, 7: “[Yezu] arabishura [Abafarizayo be n’abanyabwenge b’ivyanditswe b’Abayuda], ati Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebge indyarya, nk’uko handitswe, ngw Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu”. (Naho umugwi w’ivy’idini wokwivugisha ko usenga, igihe bakurikiza inyigisho z’abantu aho gukurikiza Ijambo ry’Imana ryahumetswe, baba basengera ubusa.)
Rom. 10:2, 3: “Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge. Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana”. (Abantu boshobora kuba bafise Ijambo ry’Imana ryanditswe mugabo bakabura ubumenyi ntagakosa buri muri ryo, kubera ko batigishijwe neza. Boshobora kwiyumvira yuko bafitiye ishaka Imana, mugabo bakaba batariko bakora ivyo isaba. Ugusenga kwabo ntikwohimbara Imana, si ko none?)
Umuntu yomenya gute idini ry’ukuri?
(1) Inyigisho zaryo zishingiye ku biki? Zoba ziva ku Mana, canke ziva ahanini ku bantu (2 Tim. 3:16; Mrk. 7:7)? Nk’akarorero, niwibaze uti: “Ni hehe Bibiliya yigisha ko Imana ari Ubutatu? Ni hehe ivuga ko ubugingo bw’umuntu budapfa?”.
(2) Raba nimba rimenyekanisha izina ry’Imana. Yezu yasenze Imana ati: “Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi” (Yoh. 17:6). Yavuze kandi ati: ‘Yehova, Imana yawe, abe ari we usenga, kandi abe ari we usaba wenyene’ (Mat. 4:10). Idini urimwo ryoba ryarakwigishije ko ‘Yehova ari we utegerezwa gusenga’? Woba warashitse ku kumenya uwo iryo zina rivuga uko ameze, ni ukuvuga imigambi yiwe, ivyo akora, kamere ziwe, ku buryo wumva ko ushobora kumwiyegereza ata co winona?
(3) Abaririmwo boba bagaragaza ko bizera vy’ukuri Yezu Kirisitu? Ivyo bisobanura ko bakenguruka agaciro k’inkuka y’ubuzima bw’umuntu Yezu be n’ikibanza afise muri iki gihe, co kuba ari Umwami mw’ijuru (Yoh. 3:36; Zab. 2:6-8). Ugukenguruka mwene ukwo kugaragarira mu kugamburukira Yezu, ni ukuvuga kugira uruhara umwumwe wese kandi babigiranye umwete mu gikorwa yashinze abayoboke biwe. Abari mw’idini ry’ukuri bafise ukwizera kujana n’ibikorwa.—Yak. 2:26.
(4) Ryoba ahanini ari iryo guheza umwuga, canke ni ryo buryo bwabo bwo kubaho? Imana iranka rwose idini ryo guheza umwuga gusa (Yes. 1:15-17). Idini ry’ukuri rirashigikira ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zijanye n’ivy’ukwigenza runtu n’izijanye n’imvugo idahumanye, aho kujana n’ivyo benshi bahurumbira (1 Kor. 5:9-13; Ef. 5:3-5). Abaririmwo baragaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana mu buzima bwabo (Gal. 5:22, 23). Ku bw’ivyo, abari mu gusenga kw’ukuri barashobora kumenyekana kubera bihatira babikuye ku mutima gushira mu ngiro ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya mu buzima bwabo, ntibabigire gusa bari ku makoraniro mugabo bakabigira no mu buzima bwo mu rugo, ku kazi, kw’ishure no mu gihe co kwisamaza.
(5) Abaririmwo boba vy’ukuri bakundana? Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje” (Yoh. 13:35). Urukundo nk’urwo rurarengera ivy’amoko, ivy’ubusumbane mu kibano be n’ivy’ukwiratira igihugu, rugahuriza abantu hamwe mu kivukano nyakuri. Urwo rukundo rurakomeye rwose ku buryo bw’uko rubatandukanya n’abandi bantu. Igihe amahanga agiye mu vy’intambara, ni bande usanga bafitiye urukundo nyakuri abavukanyi babo bakirisu bo mu bindi bihugu, ku buryo batemera gufata ibirwanisho ngo babice? Ivyo ni vyo abakirisu bo mu ntango bagize.
(6) Ryoba vy’ukuri ryitandukanya n’isi? Yezu yavuze yuko abayoboke biwe b’ukuri batobaye “ab’isi” (Yoh. 15:19). Kugira ngo dusenge Imana mu buryo yemera bisaba ko tuguma ‘tutandujwe n’isi’ (Yak. 1:27). Ivyo vyoba bishobora kuvugwa ku madini usanga abakuru bayo be n’abandi bayarimwo bisuka mu vya politike, canke abo usanga ubuzima bwabo ahanini babushingira ku kwipfuza ivy’amaronko be no ku vyipfuzo vy’umubiri?—1 Yoh. 2:15-17.
(7) Abaririmwo boba ari ivyabona b’abanyamwete b’Ubwami bw’Imana? Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Mat. 24:14). Ni idini irihe ririko riramamaza vy’ukuri yuko Ubwami bw’Imana ari bwo abantu bakwiye, kwizigira aho kuremesha abantu guhanga amaso abategetsi b’abantu ngo ni bo bazotorera umuti ingorane barimwo? Idini urimwo ryoba ryarakuronkeje ivyangombwa bituma ugira uruhara muri ico gikorwa, kandi ukagikora uva ku nzu uja ku yindi nka kumwe Yezu yigishije intumwa ziwe kubigira?—Mat. 10:7, 11-13; Ivyak. 5:42; 20:20.