Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 10 Munyonyo
Ururirimbo rwa 9 (37)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimugire imyerekano ibiri y’ibintu bibaho koko yerekana ukuntu umuntu yokoresha inama ziri ku rupapuro rwa 4 mu gushikiriza mu cibare canyu Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano nimusigure ukuntu igikorwa turangurira kw’isi yose gishigikirwa mu vy’amahera, umunyamuhana ace atanga ubwo nyene intererano.—Raba Umunara w’Inderetsi, rup. 2 canke Réveillez-vous! rup. 5.
Imin. 15: “Mwame mwiteguye”.a Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku bintu bibafasha kwirinda ngo imyitwarariko be n’ibisamaza vyo muri uru runkwekwe rw’ibintu ntibibatware umwanya wobagiriye akamaro mu gihe bowukoresha mu kwitwararika ivy’impwemu.
Imin. 20: Uhitamwo gute abo mwifatanya? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Senga Imana, ku rupapuro rwa 47-49. Ukoresheje ibibazo be n’ivyanditswe vyatanzwe mu ngingo ya 13, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikwiye kutuyobora igihe duhitamwo abo twifatanya.
Ururirimbo rwa 15 (127) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 17 Munyonyo
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Nubaze abamamaji babiri canke batatu biboneye ibintu bishimishije mu murimo wo mu ndimiro mu gihe bariko barashikiriza ibisohokayandikiro biherutse gusohoka. Hari aboba barashoboye gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Imin. 15: Nutsimbataze agatima ko gutanga. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2003, ku rupapuro rwa 27-30. Nimba ico kinyamakuru ata co mufise, nushingire iyo nsiguro ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2002, ku rupapuro rwa 26-30.
Imin. 18: “Gukeza abandi birabeza umutima”.b Nushiremwo insasanuro zishingiye ku gitabu Agahimbare mu Rugo, ku rupapuro rwa 49-50 ingingo ya 21. Nusabe abaremeshejwe n’amajambo abandi bababwiye yo kubakeza batange insasanuro ngufingufi.
Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 24 Munyonyo
Ururirimbo rwa 6 (45)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yokoresha inama ziri ku rupapuro rwa 4 mu gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo na Réveillez-vous ! yo ku wa 8 Munyonyo. Hoshobora gukoreshwa icanditswe gitandukanye n’icatanzwe ku rupapuro rwa 4. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, herekanwe umuntu ariko arashikiriza ibinyamakuru akaryo kizanye ari mu muduga wunguruza abantu canke afatire ku kindi kiringo kibereye kijanye n’aho iwanyu. Nimusigure ingene igikorwa turangurira kw’isi yose gishigikirwa mu vy’amahera, nyene gushikirizwa ivyo binyamakuru avuge ko ahimbawe no gutanga intererano.
Imin. 10: Ibibazo vy’abasomyi. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere.
Imin. 23: “Nutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova”.c Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nusabe abumviriza batange insasanuro ku kuntu ivyanditswe vyoshirwa mu ngiro. Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umuntu umwe canke babiri bagira ico bavuze ku vyabafashije kuryohora ingene biyigisha Bibiliya.
Ururirimbo rwa 1 (13) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 1 Kigarama
Ururirimbo rwa 7 (51)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Munyonyo. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Kigarama. Nimwihweze muri make uburyo bumwe canke bubiri bwo gushikiriza ibisohokayandikiro twagiriwe inama. Nusigure ingene abamamaji bashobora gukoresha igitabu c’ironderero (Index des publications de la Société Watch Tower) kugira ngo batore ubundi buryo bwo gushikiriza ibisohokayandikiro.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2001, rup. 2.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: Turakwije ibisabwa kugira ngo twigishe abandi. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2000, ku rupapuro rwa 28-29, ingingo ya 9-13. Intumbero nyamukuru tuba dufise mu busuku bwacu ni iyo kuba abashoboye kwigisha neza. Ukwererwa kwacu mu gufasha abantu bameze nk’intama, kuvana n’ubushobozi dufise bwo gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bubaronsa ubumenyi bukongera bukabavyurira umutima wo kugira ico bakoze. Nimuce irya n’ino ibibazo bikurikira: (1) Ni itandukaniro irihe riri hagati yo kwamamaza no kwigisha? (it-F 2 rup. 632 ing. 4; jv-F 572, ing. 4), (2) Ni kubera iki bamwebamwe bagonanwa ku bijanye no kugerageza kurongora inyigisho ya Bibiliya? (3) Tworyohora gute ubushobozi bwacu bwo kwigisha? (4) Twokora iki kugira tumenye neza ko uwo twigana atahura ivyo ariko ariga? (5) Dukwiye kugerageza gufasha umwigishwa gushika ku yihe ntumbero?
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.