ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/04 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 12 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 19 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 26 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 2 Ruhuhuma
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 1/04 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 12 Nzero

Ururirimbo rwa 28 (224)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimugire imyerekano y’ukuntu hoshikirizwa Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama be na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Inyuma y’umwerekano wose, nimushire ahabona ibintu bimwebimwe vyagenze neza muri izo nshikirizo.

Imin. 15: “Agaciro ntangere k’ubukerebutsi buva ku Mana”.a Umwanya ubonetse, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe.

Imin. 20: Ibisohokayandikiro bishasha twahimbawe no kuronka! Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Twarahimbawe no kuronka ibisohokayandikiro bitatu bishasha vyasohowe kw’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo: “Ninahaza Imana”. Ka gatabu “Raba ca gihugu ciza” nta ho gasa gasana n’ikindi gisohokayandikiro dufise mu bubiko. Buri mpapuro zibiri zibangabanganye zishikiriza ibintu bituma dutahura neza umuce kanaka wa ca Gihugu c’Isezerano. Niwerekane ibintu bimwebimwe vyerekanwa ku makarata atandukanye. Nushikirize uburyo ngirakamaro bwo gukoresha ico gisohokayandikiro. Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye kizotuma abana bacu barushiriza kumererwa neza mu vy’impwemu. Nuvuge ibiganiro bimwebimwe vyaje hageze bishikirizwa muri ico gitabu, werekane ingene abavyeyi n’abana bashobora kuvyungukirako. Ese ukuntu vyadukoze ku mutima igihe impinduro yitwa Biblia Takatifu—Tafsiri ya Ulimwengu Mpya yuzuye yasohorwa mu giswahili kw’ihwaniro riheruka! Ibiro vyararonse amakete menshi yo gukenguruka. Iyo mpinduro izotuma abantu bavuga igiswahili barushiriza gutahura Ivyanditswe Vyeranda uko babandanya gusoma Bibiliya ku musi ku musi (Ivyak. 17:11). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bariko barakoresha ivyo bisohokayandikiro bishasha mu buryo ngirakamaro.

Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 19 Nzero

Ururirimbo rwa 13 (124)

Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.

Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Nushiremwo amakuru avuye mu gitabu Ubusuku Bwacu, ku rupapuro rwa 108-109, ku vyerekeye akamaro ko gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro tudahorereza. Nuvuge uko ivyo gutanga amaraporo ubudahorereza biriko biragenda mw’ishengero.

Imin. 15: “Dushobora gute gufasha abatari Ivyabona bubakanye n’Ivyabona?”b Nubaze ibibazo umuntu umwe canke babiri bacitse abasavyi ba Yehova kubera akarorero keza k’abo bubakanye bari bamaze kwakira ukuri.

Ururirimbo rwa 7 (51) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 26 Nzero

Ururirimbo rwa 15 (127)

Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Nzero. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimugire imyerekano y’ukuntu hoshikirizwa Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, nimwerekane ukuntu ivyo binyamakuru mwobishikiriza umubanyi.

Imin. 15: Nushire mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwawe ku musi ku musi. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nuremeshe bose gukoresha neza agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2004. Nimuyage ku majambo y’intangamarara ari ku rupapuro rwa 3-4. Nusabe abumviriza bavuge umwanya bo babona ko urushirije kuba uwubereye kurimburirako icanditswe c’umusi. Nimwihwereze hamwe n’ishengero icanditswe c’uwo musi be n’insasanuro zaco. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu dushobora gushira mu ngiro ayo makuru mu buryo ngirakamaro. Nuremeshe bose kurimbura muri make ukuntu bashobora gushira mu ngiro amayagwa yo mu canditswe c’umusi, igihe bacihweza.

Imin. 18: “Umuryango wo kw’Isi Yose Witwararikana” (1 Pet. 5:9). Insiguro no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2001, ku rupapuro rwa 30-31. Gishikirizwe n’umukurambere. Nahuze ayo mayagwa n’ukuntu ivyo ngaho iwanyu vyifashe, mu kwerekana ico umwumwe wese muri twebwe yokora kugira dusahirize abashikiwe n’amagume.

Ururirimbo rwa 9 (37) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 2 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 25 (204)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nuvuge ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma. Nimwihweze uburyo bwo gushikiriza igitabu Niwiyegereze Yehova buri ku rupapuro rwa 3. Udukuru twa gitewokarasi.

Imin. 20: “Niwiyubare cane ku kuntu ukoresha umwanya wawe”.c Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku bintu bakora kugira birinde yuko ibikorwa bitari ngombwa binyoha ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Nuvuge ibintu bitakaza umwanya mu karere kanyu.

Imin. 15: Twigane Paulo nk’uko yiganye Kirisitu (1 Kor. 11:1). Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nka kumwe kwa Yezu, Paulo ntiyagisha uturyo two gushinga intahe ku “baba bahari” (Ivyak. 17:17, NW). Ni uturyo utuhe tworonka two kubigira mu cibare twakebewe? Ni bande baba “bahari” igihe tuja gusuma, igihe turi ku kazi canke kw’ishure cabure igihe dufashe urugendo dukoresheje uburyo bwo kwiyunguruza butwara abantu benshi? Ni bande dushobora kubonana igihe turi i muhira? Nusabe abumviriza bigane ivyabashikiye igihe bariko barashinga intahe ku bantu bahuye mu bikorwa vya misi yose.

Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika