Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nzero: Igitabu ico ari co cose ishengero ryoba rifise mu bubiko casohowe imbere yo mu 1988 hamwe na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Nimba mu bubiko ata na bimwe muri ivyo mufise, turabasavye murabe nimba amashengero yo mu micungararo ata bisohokayandikiro vya kera bisaguka afise mushobora gukoresha. Amashengero adafise ibitabu vya kera arashobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma: Niwiyegereze Yehova. Nimba ico gitabu ata kiriho, murashobora gukoresha igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, canke igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! hamwe na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Nimba abantu basanzwe bafise ico gisohokayandikiro, igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! coshobora gushikirizwa. Ndamukiza: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, ntimusige inyuma n’abantu bitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi, mugabo bakaba batifatanya n’ishirahamwe babigiranye umwete. Nimwihatire canecane gushikiriza igitabu Senga Imana. Harakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
◼ Guhera ku ndwi itangura ku wa 15 Ntwarante 2004, tuzokwiga igitabu Niwiyegereze Yehova mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero.
◼ Guhera muri Ruhuhuma kandi bitarenze ku wa 7 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Ni ingingo ngenderwako za nde uha agaciro?”.
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zerekeye uguhimbaza Icibutso muri uyu mwaka ku w’iyinga igenekerezo rya 4 Ndamukiza izuba rirenze. Naho insiguro ishobora gutangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritaramara kurenga. Murabaza kugira ngo mumenye igihe izuba rirengerako mu karere iwanyu. Kubera ko ata yandi makoraniro akwiye kugirwa kuri uwo musi uretse ayo gusohoka mu ndimiro, hakwiye kuba ibihindurwa kugira ngo Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwe mu kindi gihe. Abacungezi b’imizunguruko bazokenera guhindura urutonde rwabo rw’amakoraniro yo muri iyo ndwi bakurikije uko ibintu vyifashe aho hantu. Naho ari vyiza ko ishengero rimwerimwe ryose rihimbaza Icibutso ukwaryo, ivyo ntivyama bishoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kurondera iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama yo gusiga n’imiburiburi iminuta 40 hagati y’amaporogarama, kugira ngo bose bashobore kuyungukirako bimwe vyuzuye muri ico gihe. Murakwiye kwitwararika ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana ingenzi. Inama y’abakurambere ikwiye gutunganya ibintu ikurikije ibibereye aho iwanyu.