Inyishu ku bibazo vyanyu
◼Dushobora gute kwitwararika kwubahiriza umwanya washingiwe amakoraniro y’ishengero?
Umwanya uriruka igihe turiko turayagira abagenzi bacu ibintu vyiza. Ku bw’iyo mvo, bishobora kuba urugamba gushikiriza ibigabu vyo mw’ikoraniro mu mwanya vyashingiwe. Ni ibiki vyodufasha?
Tangura ku gihe. Igihe ishengero ryose rikoraniye hamwe, hagisigaye umunuta umwe canke ibiri ngo porogarama itangure, vyoba ngirakamaro gusaba abari aho ngo bafate ivyicaro kugira ngo ikoraniro ritangure ku gihe cashinzwe kandi ku rutonde (Umus. 3:1). Amakoraniro y’imigwi mitomito, nk’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, ntakwiye kurindirizwa aboshika bacerewe.
Itegure bimwe binogangije. Kwitegura imbere y’igihe, ni rwo rupfunguruzo rwo kwubahiriza umwanya. Nugume ubona mu buryo butomoye intumbero y’ico kigabu. Nugenekereze ivyiyumviro nyamukuru kandi ubishimikeko. Niwirinde guta iciyumviro nyamukuru mu kuja mu tuntu tw’ido n’ido. Nugume ushikiriza ikiganiro cawe mu buryo bworoshe. Niba ico kigabu kirimwo imyerekano canke ibiganiro vyo kubaza ibibazo, nimubisubiremwo imbere y’igihe. Uko bishoboka kwose, nurabe umwanya ikigabu cawe kimara igihe uriko urimenyereza n’ijwi rirenga.
Nugabagure amayagwa yawe. Ikigabu cawe caba ari insiguro canke ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza, wosanga ari ngirakamaro kugabagura ayo mayagwa mu duhimba dutandukanye. Nushinge umwanya ukoresha ku gahimba kamwekamwe kose kandi ivyo uvyerekane ku mubari w’utwandiko twawe. Maze ucungere umwanya wawe mu gihe ushikiriza ikiganiro. Mu gihe ari ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza, niwirinde kugwa mu mutego wo kuvuga amajambo menshi mu gice c’intangamarara ku buryo wohava usanga utegerezwa kwihutagiza ushitse ku mayagwa yo hanyuma aremereye kuruta. Abarongozi b’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi bakwiye gusiga umwanya uhagije wo kurimbura ibibazo vy’isubiramwo mu kurangiza inyigisho. Bakwiye kandi kwiyubara kugira ngo ntibinjire mu mwanya wagenewe ururirimbo rwo gusozera be n’isengesho.
Nusozere ku gihe. Mu gihe ikoraniro rigizwe n’ibice vyinshi, nk’Ikoraniro ry’umurimo, umushikirizansiguro wese arakwiye kumenya neza igihe ikigabu ciwe gikwiye gutangurirako be n’igihe gikwiye kurangirirako. Hokorwa iki mu gihe ikoraniro ririko rirarenza umwanya? Umuvukanyi umwe canke bangahe boshobora gucungura uwo mwanya mu kwibanda ku vyiyumviro nyamukuru no mu gukuramwo utuntu tumwetumwe tudahambaye. Ubushobozi bwo kugira ivyo, ni kimwe mu bintu biranga umwigisha w’umuhanga.
Bwa bumviriza, turashobora gusahiriza umuvukanyi ariko ararongora ikigabu mu gutanga insasanuro ngufi kandi zidomako. Ku bw’ivyo, twese turashobora kugira ico duterereye kugira ngo tugire amakoraniro ‘atunganye neza, aroranye’.—1 Kor. 14:40.