ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/04 rup. 6
  • Kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwambara ukikwiza birerekana ukwubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Shemeza Yehova mw’ishengero rinini
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 6/04 rup. 6

Kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa

1. Mu kwitegurira ihwaniro ry’intara, ni kubera iki dukwiye kwitwararika ukuntu tuzoba tuboneka?

1 “Ivyabona vya Yehova ni abantu bameze neza cane! Abantu banyu bafise umutima mwiza, bambara neza kandi barubaha cane.” Ukwo ni ko uwuserukira ihoteli imwe yavuze ku vyerekeye abavukanyi n’abavukanyikazi bari bitavye ihwaniro rimwe ry’intara ryo mu mwaka uheze. Ku rindi hwaniro, umukozi w’ihoteli imwe yavuze ati: “Biribonekeza ko abantu banyu bambara kugira bahimbare Imana”. Si ivy’imbeshere, abaje kw’ihwaniro ntibareka kubonwa n’abandi. Ni co gituma twipfuza kwambara nk’ “uko bibereye ubutumwa bgiza”, kandi ivyo birakunda gutuma abatari Ivyabona badukeza kandi bikagaragaza ko turi abasuku b’Imana (Flp. 1:27). Uko twitegurira ihwaniro ry’intara, birabereye ko twiyumvira imbere y’igihe ukuntu tuzoba tuboneka.

2. Ni kubera iki kwambara no kwitunganya mu buryo butyoroye ari urugamba?

2 Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ubgenge buva mw ijuru irya mbere buratunganye” (Yak. 3:17). Kuba abatyoroye mu kuntu tuboneka birashobora kuba urugamba. Isi ya Shetani irangwa n’ubushegabo irosha abantu ngo bigane imideri itaranga urupfasoni, ivyura ivyipfuzo vy’umubiri, y’agahomerabunwa itabereye (1 Yoh. 2:15-17). Ku bw’ivyo, igihe dufata ingingo ku biraba ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya, dukwiye kwumvira impanuro ya Bibiliya itubwira “kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwipfuza ivy’isi [“no kubaho turoranye mu muzirikanyi”, NW] . . . mu gihe ca none” (Tito 2:12). Ntidukwiye kwigera twipfuza kubabaza abandi bivuye ku kuntu tuboneka, baba abavukanyi bacu, abakora ku mahoteli canke ku maresitora cabure abandi batubona.—1 Kor. 10:32, 33.

3. Ni ibibazo ibihe bizodufasha gusuzuma ukuntu tuboneka?

3 Inyambaro y’urupfasoni kandi itunganije neza: Igihe witegurira ihwaniro, niwibaze uti: ‘Impuzu zanje zoba ziranga urupfasoni, canke zoba zikwega amaso y’abantu bidakenewe? Zoba zubahiriza inyiyumvo z’abandi? Amaburuzi yanje yoba yerekana igikiriza birenze canke ari magufi birenze? Amakanzu yanje yoba abonerana canke afata ku mubiri? Impuzu zanje zoba zisukuye kandi zitanukira abandi? Igihe mfungura canke niruhura inyuma ya porogarama, noba nzoba nsesuka, nsukuye mu buryo buranga umusuku, canke impuzu nzoba nambaye zizoba zidasesuka, ari iziharawe, izisanzwe birenze kandi zitabereye ku muntu yitavye ihwaniro yambaye agakarata karanzi? Impuzu nambara mu gihe co kwisamaza zoba zituma ngira ubuyega bwo gushinga intahe akaryo kizanye?’.—Rom. 15:2, 3; 1 Tim. 2:9.

4. Abandi bodufasha gute kuboneka dutyoroye?

4 Turashobora kwungukira ku nama tugirwa n’abakirisu bahumuye. Abakenyezi bakwiye gusaba abanega babo bakabarabira ingene inyambaro yabo yoboneka ku bandi. Abavyeyi bubaha Imana barashobora gufasha abana babo b’imiyabaga muri ivyo. Bisubiye, abavukanyikazi bakuze batinya Imana barashobora “gutoza abagore bakiri bato ubgenge . . . [‘kubîza kuba abagore b’ibanga, abagore b’intartyozwa’, UB]” mu kuntu baboneka “kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe” (Tito 2:3-5). Ibisohokayandikiro vyacu birimwo amafoto ngirakamaro yerekana inyambaro y’urupfasoni kandi itunganije neza.

5. Twese twoshemeza gute Yehova mu kiringo c’ihwaniro ry’intara?

5 Dushemeze Yehova: Amahwaniro y’intara twese araturonsa akaryo ntangere ko gushemeza Yehova, atari gusa abagira uruhara muri porogarama. Ego ni ko, inyifato ya gikirisu be n’imvugo yacu bizomutera iteka. Ariko ikintu ca mbere abantu benshi batwihweza babona, ni ukuntu twambaye n’ukuntu twitunganije. Ese twese twoshemeza Yehova biciye ku kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa!—Zab. 148:12, 13.

[Picture on page 6]

Ibidufasha kuboneka mu buryo bukwiriye gushimwa

◼ Ijambo ry’Imana

◼ Ukwisuzuma

◼ Inama tugirwa n’abandi

◼ Ibisohokayandikiro vya gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika