Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 30 Myandagaro 2004. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 5 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 30 Myandagaro 2004.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Dushobora gute gusigura inyanduruko y’ivyizigiro vyacu ‘turi n’ubugwaneza kandi dutinya’ (1 Pet. 3:15)? [be-RU rup. 192 ing. 2-4]
2. Ni kubera iki bihambaye ko tuvugana ubujijutsi (Rom. 8:38,39; 1 Tes. 1:5; 1 Pet. 5:12)? [be-RU rup. 194]
3. Twogaragaza gute ubujijutsi? [be-RU rup. 195 ing. 3–rup. 196 ing. 4]
4. Ubugenge ni iki, ni kubera iki buhambaye, kandi dushobora gute kurimbanya ubugenge n’ugushira amanga (Rom. 12:18)? [be-RU rup. 197]
5. Imbere yo kuvuga, ni igiki umunyabugenge abanza kurimbura (Imig. 25:11; Yoh. 16:12)? [be-RU rup. 199]
IKIGABU NO. 1
6. Ibiyago vyacu be n’utumenyero twacu two kwiga Bibiliya vyerekana gute urugero tugezeko mu gutera imbere mu kuri? [be-RU rup. 74 ing. 3–rup. 75 ing. 2]
7. Bisigura iki ‘kwicungurira umwanya ubereye’, kandi ivyo twoshobora gute kubikora (Ef. 5:16, NW)? [w02-RU 15/11 rup. 22-23]
8. Ivyanditswe bitomora gute ko abantu bangana imbere y’Imana, kandi ni gute ivyo bikwiye kugira ico bikoze ku busuku bwacu? [w02-RU 1/1 rup. 3, 5]
9. Naho Ijambo ry’Imana ritavuga mu buryo butomoye ibijanye n’ukunywa itabi be n’ugufata ibiyayuramutwe, woshobora kwerekana gute ko kunywa itabi biteye kubiri n’Ivyanditswe? [w01-RU 1/2 rup. 3]
10. Ni igiki catumye ikimazi ca Abeli “kiruta” ica Kayini, kandi ni icigwa ikihe dushobora kuhakura ku bijanye n’“ikimazi co gukenguruka” dushikana (Heb. 11:4; 13:15)? [w02-RU 1/2 rup. 19 ing. 6-rup 20 ing. 1]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, ni kubera iki atahinduye ibimenyetso ngo bibe amaraso nya maraso n’umubiri nya mubiri vyiwe (Lew. 17:10)? [w03-RU 15/2 15 ing. 18]
12. Mu buryo menyeshakazoza, ya “mitsima ibiri” umuherezi mukuru yashikana bwa “shikanwa ryo kuzunguzwa” mu kiringo ca wa Musi Mukuru w’Amayinga (Pentekote) yagereranya iki (Lew. 23:15-17)? [w98-RU 1/3 rup. 26 ing. 21]
13. Dushobora kwigira iki ku vyashikiye Kora be n’abo vyari kumwe biturutse ku gatima bari bafise ko kugarariza Musa (Guh. 12:3; 16:1-3,32)? [w98-RU 1/6 rup. 29 ing. 10]
14. Ni kubera iki Miriyamu na Aroni banebaguye Musa kubera umugore w’Umunyetiyopiyakazi yari yarabiriye (Guh. 12:1)? [w02-RU 15/10 rup. 29; w84-F 15/7 rup. 29-30]
15. “Igitabo c’intambara z’Uhoraho” cari iki (Guh. 21:14)? [cl-RU rup. 64; w90-RU 1/7 rup. 3, 5; it-2-F rup. 149]