Igice ca 2: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Kwitegurira kurongora inyigisho
1 Kwigisha mu buryo ngirakamaro igihe turongora inyigisho ya Bibiliya, ntibisaba gusa kuganira ku mayagwa no gusoma ivyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo mu majambo. Turakeneye gushikiriza ayo mayagwa mu buryo bukora ku mutima uwo mutohoji. Ivyo bisaba ko twitegura mu buryo bunogangije tuzirikana nya mutohoji.—Imig. 15:28.
2 Ingene twitegura: Nutangurire ku gusenga Yehova ku biraba uwo mutohoji be n’ivyo akeneye. Nusabe Yehova agufashe gukora ku mutima uwo mutohoji (Kol. 1:9, 10). Kugira ngo umutwe-shimikiro ugutomokere mu bwenge, nufate akanya ko gusuzuma umutwe w’ico kigabane canke w’ico cigwa, udutwe dutoduto, be n’ivyo ari vyo vyose umuntu ashobora kubona vyo gufasha inyigisho. Niwibaze uti: ‘Intumbero nyamukuru y’aya mayagwa ni iyihe?’. Ivyo bizogufasha gushimika ku vyiyumviro bikurubikuru igihe urongora iyo nyigisho.
3 Nusubiremwo witonze ayo mayagwa ingingo ku yindi. Nurabe inyishu z’ibibazo vyanditswe, ushire akamenyetso gusa kw’ijambo canke ku majambo nyamukuru. Niwihweze ingene ivyanditswe vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo bifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru kiri mu ngingo, wongere uhitemwo ivyo mwosoma mu kiringo c’inyigisho. Woshobora gusanga ari ngirakamaro kugira utwo wanditse ku mubari w’ico gisohokayandikiro. Nya mutohoji akwiye kubona neza yuko ivyo ariko ariga biva mw’Ijambo ry’Imana.—1 Tes. 2:13.
4 Nuhuze icigwa n’ivyo umutohoji akeneye: Ubukurikira, nurimbure ico cigwa ufise uwo mutohoji mu bwenge. Nugerageze kwiyumvira imbere y’igihe ibibazo yoshobora kubaza hamwe n’ivyiyumviro vyohava bimugora gutahura canke kwemera. Niwibaze uti: ‘Ni ibiki akeneye gutahura no kuryohora kugira atere imbere mu vy’impwemu? Noshobora gute kumukora ku mutima?’. Nuce rero ubifatirako mu kumwigisha. Rimwe na rimwe, ushobora gusanga bikenewe ko utegura ikigereranirizo, insobanuro yinaka, canke urukurikirane rw’ibibazo kugira umufashe gutahura insobanuro y’iciyumviro kinaka canke y’icanditswe kinaka (Neh. 8:8). Ariko uririnda gushiramwo ayandi makuru ata kintu kinini aterera ku mutwe-shimikiro. Kugira isubiramwo rigufi muhejeje kwiga, bizomufasha kwibuka ivyiyumviro nyamukuru.
5 Urazi ukuntu akamwemwe kadusya iyo abashasha bamye ivyamwa vy’ubugororotsi, bigatuma Yehova ashemezwa (Flp. 1:11)! Kugira ubafashe gushikira iyo ntumbero, niwitegure neza igihe cose ugiye kurongora inyigisho ya Bibiliya.