Porogarama nshasha y’umusi w’iteraniro ridasanzwe
Igihe tubonye canke twumvise ikimenyetso kituburira ariko ntihagire ico dukora, inkurikizi zirashobora kuba agahomerabunwa. Birahambaye mbere kuruta ko dukora duhuje n’ubuyobozi bwo mu vy’impwemu Yehova atanga. Ivyo ni vyo bizoshimikwako kuri porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe y’umwaka w’umurimo ugiye kuza. Umutwe-shimikiro wayo ugira uti: “Mwiyubare uburyo mwumva”.—Luka 8:18.
Mu nsiguro yiwe ya mbere, umushikirizansiguro w’umushitsi azorimbura ingene impanuro iri mu bigabane vya mbere vy’ikete ryahumetswe Paulo yandikiye Abaheburayo itwerekeye muri iki gihe. Mu nsiguro isozera ivuga ngo “Nugume utega yompi inyigisho iva ku Mana”, uwo mushitsi azofasha bose gusuzuma nimba vy’ukuri bariko barumviriza Yehova, Umwana wiwe, be na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”.—Mat. 24:45, NW.
Hariho ibihimba bitari bike vyo muri iyo porogarama bizoba ari ivyungura canecane ku miryango. Insiguro ivuga ngo “Imiryango yumviriza Ijambo ry’Imana ata gusamara”, izodufasha kwirinda ibintu vyo mw’isi kugira ntibinyohe kamere yacu y’ivy’impwemu. Izoba irimwo ibiganiro vyo kubaza ibibazo abantu bagize ivyo bahinduye kugira bashire ivy’impwemu mu kibanza ca mbere. Insiguro ivuga ngo “Ingene urwaruka rwacu rukomezwa no kwumviriza Ijambo ry’Imana rwitonze”, izoba irimwo ukubaza ibibazo urwaruka rwerekanye ko rudahemuka ku kuri haba kw’ishure, ruri kumwe n’urunganwe canke mu busuku. Insiguro ivuga ngo “Abana batoyi bumviriza Imana maze bakiga”, izotuma tudafatira mu rwara ububasha bwo kwiga bw’abana. Ibiganiro vyo kubaza ibibazo abakiri bato be n’abavyeyi babo, bizodufasha kubona ivyiza biva mu kumenyereza abana mu nzira za Yehova kuva mu buhinja.
Naho Shetani ‘ariko arazimiza abari kw’isi bose’, Yehova ariko arereka abasavyi biwe b’abizerwa inzira bakwiye gucamwo (Ivyah. 12:9; Yes. 30:21). Kwumviriza twitonze impanuro ziwe kandi tukazishira mu ngiro mu buzima bwacu tubigiranye ukugamburuka, biratuma tuba inkerebutsi, bikatuzanira agahimbare bikongera bikatujana mu buzima budahera.—Imig. 8:32-35.