Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? Nos problèmes—Qui nous aidera à les résoudre? Un livre pour tous, hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Nyakanga: Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? Nimba ico gitabu ata co mufise, mwoshobora gushikiriza igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? (integuro ntoyi canke nini), canke La Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Hazoba isekeza ridasanzwe ryo gutanga agatabu gashasha, ariko kandi hazoshikirizwa Umunara w’inderetsi na Be maso! muri ukwo kwezi kwose. Ayandi makuru azotangwa mu nyuma kugira ibinyamakuru muronka bikoreshwe vyose. Ahabonetse abashimishwa, turabasavye mushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, kandi mukurikirane ukwo gushimishwa mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko badafise abana, nimubashikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Nimwitunire ku gukoresha ako gatabu mu gutanguza inyigisho za Bibiliya.
◼ Mu gihe hari abategekanya kugendera Beteli, vyoba vyiza amashengero yandikiye Beteli hakiri kare kugira amenyeshe igihe bazozirako be n’igitigiri c’abazoza. Ayo makete ashobora kwandikwako ngo: “Ku biro bijejwe kwakira abantu”.
◼ Igihe abavukanyi baje kuri Beteli bazanywe n’ivyerekeye ishengero, turabasavye mubanze muce kw’iyakiriro (réception). Nk’akarorero, igihe umuvukanyi akeneye uwo babonana ku bijanye n’ikibazo cerekeye kwubaka Ingoro y’Ubwami, akwiye kubanza guca kw’iyakiriro kugira ngo barabe uwoba ari hafi yoraba ivy’ico kibazo. Aho ivyo bitokurikizwa honyene, ni igihe abavukanyi baje gutora ibisohokayandikiro canke ibinyamakuru, bakaba boshobora guca baramiriza ku rwego ruraba ivyo kurungika ibisohokayandikiro.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira ihejeje gusomwa.
◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba kuri komande zayo zikurikira, Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2005), Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2005 na Annuaire des Témoins de Jéhovah 2005. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo ruzosohorwa mw’ikete rizorungikirwa amashengero yose.
◼ Ku magenekerezo ya 27 na 28 Myandagaro 2004 hazogirwa itondanuza ry’ibisohokayandikiro vyose Beteli ifise. Kubera iryo tondanuza, nta makomande y’ibisohokayandikiro y’ishengero azotunganirizwa ivyayo ngo birungikwe canke ngo bitorwe muri iyo misi.