ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/04 rup. 8
  • Niwerekane agatima k’ubutsimvyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwerekane agatima k’ubutsimvyi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Kuyaga mu buryo busanzwe
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 8/04 rup. 8

Niwerekane agatima k’ubutsimvyi

1. Wodondora gute agatima k’ubutsimvyi?

1 Baba bashoboye gukora ubutsimvyi muri iki gihe canke batabishoboye, abamamaji b’Ubwami bose barashobora kwerekana agatima k’ubutsimvyi. Baripfuza cane kugamburuka rya bwirizwa ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 18:5). Baritwararika abantu kandi bakagira utwigoro kugira bashitse ubusuku bwabo (Mat. 9:36; Ivyak. 20:24). Abasavyi ba Yehova bariteguriye gukora ico ari co cose gikenewe kugira bafashe abandi kwiga ukuri (1 Kor. 9:19-23). Nimuze turimbure akarorero k’umuntu yagaragaje agatima nk’ako, na we akaba ari umwamamaji w’inkuru nziza Filipo.

2. Abakurambere n’abakozi b’ishengero bokwigana gute umwete Filipo yari afise mu busuku?

2 Kwamamaza no kwigisha: Filipo yari ajejwe amabanga akomeye mw’ishengero ryo mu kingana ca mbere (Ivyak. 6:1-6). Yamara, imbere ya vyose yari umwamamaji w’umunyamwete w’inkuru nziza (Ivyak. 8:40). No muri iki gihe rero, iyo abakurambere n’abakozi b’ishengero bariko bararangura ibikorwa bajejwe, barashobora kwerekana agatima k’ubutsimvyi mu kuba imboneza mu busuku n’igishika cinshi. Ese ingene ivyo bikomeza ishengero!—Rom. 12:11.

3. Twokwerekana gute agatima k’ubutsimvyi igihe turi mu bigeragezo?

3 Inyuma y’urupfu rwa Sitefano, uruhamo rukaze rwarahungabanije rwose ubuzima bw’abigishwa. Ariko ico nticabujije Filipo kubandanya kwamamaza, kandi yaragize uruhara runini mu gutanguza ico gikorwa mu Basamariya (Ivyak. 8:1, 4-6, 12, 14-17). Turashobora kwigana akarorero kiwe mu kubandanya kumenyekanisha inkuru nziza igihe turi mu bigeragezo no mu kwamamaza tutagira nkunzi ku bantu bose duhura.—Yoh. 4:9.

4. Ni akarorero akahe Filipo yatanze bwa mwigisha?

4 Ubuhanga Filipo yari afise bwa mwigisha w’Ijambo ry’Imana burabonekera mu nkuru ivuga ivy’ikiganiro yagiranye na ya nkone y’Umunyetiyopiya (Ivyak. 8:26-38). Gutsimbataza ubuhanga bwo gukoresha Bibiliya no gufasha abantu ‘kuzirikana ku Vyanditswe’, ni ubundi buryo twerekana agatima k’ubutsimvyi (Ivyak. 17:2, 3). Nka kurya kwa Filipo, turarondera gusangira inkuru nziza n’abantu, aho ari ho hose dushobora kubasanga be n’igihe cose turonse akaryo kabereye.

5. Ni igiki gishobora gufasha abavyeyi bakirisu gutsimbataza agatima k’ubutsimvyi mu bana babo?

5 Mu muryango no mw’ishengero: Nta gukeka ko agatima ka Filipo be n’akarorero kiwe vyagize ingaruka nziza ku bakobwa biwe (Ivyak. 21:9). Muri ubwo buryo nyene, abavyeyi bakirisu bashingira ubuzima bwabo ku vyungura Ubwami, baba baremesheje abana babo kubigana. Naho umuvyeyi yoba aruhijwe n’akazi kenshi ko mu ndwi, igihe yamamaza ku bandi n’ubwira, birashobora kuguma mu mutima w’umwana.—Imig. 22:6.

6. Twokwerekana gute ko dukenguruka abatsimvyi bo mw’ishengero iwacu?

6 Filipo yarahaye indaro Paulo na Luka, bakaba bari abakirisu b’abanyamwete bitanga cane mu murimo wa Yehova (Ivyak. 21:8, 10). Twokwerekana gute ko dukenguruka be n’uko dushigikira abakorana umwete muri iki gihe? Kumbure twoshobora gusaba gukorana n’abatsimvyi mu gitondo canke ku muhingamo ku musi abaja mu busuku aba ari bake (Flp. 2:4). Turashobora kandi kubatumira i muhira kugira tuje hamwe mu buryo bukomeza. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, nimuze twese twihatire kwerekana agatima k’ubutsimvyi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika