ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/04 rup. 5
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 9/04 rup. 5

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nyakanga: Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? Nimba ico gitabu ata co mufise, mwoshobora gushikiriza igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? (integuro ntoyi canke nini), canke La Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Hazoshikirizwa Umunara w’inderetsi na Be maso! muri ukwo kwezi kwose. Ayandi makuru azotangwa mu nyuma kugira ibinyamakuru muronka bikoreshwe vyose. Ahabonetse abashimishwa, turabasavye mushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, kandi mukurikirane ukwo gushimishwa mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko ata bana bafise, nimubashikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Nimwitunire ku gukoresha ako gatabu mu gutanguza inyigisho za Bibiliya. Kigarama: Nimushikirize igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible: Parole de Dieu ou des hommes? canke igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi.

◼ Ya videwo ivuga ivy’ingene ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso (No Blood—Medicine Meets the Challenge) izokwihwezwa kw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Kigarama. Nimba bikenewe, amakaseti y’iyo videwo yoshobora gusabwa n’ishengero vuba bishoboka.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2005 izoshikirizwa ku w’iyinga igenekerezo rya 10 Ndamukiza. Umutwe w’iyo nsiguro uzotangazwa mu nyuma. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu azoshikirizwa iyo nsiguro ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 10 Ndamukiza 2005.

◼ Komite iraba ibikorwa vyerekeye Ingoro y’Ubwami ikwiye kwuzuza amakopi abiri y’ifomu y’Urutonde rw’Ivyihwezwa mu Bijanye n’Ibungabungwa canke Ikingirwa ry’Ingoro y’Ubwami (CN-14) uko ukwezi kwa Nyakanga kugeze, maze ikopi imwe ikarungikirwa Ibiro bijejwe iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami biri ku biro vy’ishami. Igihe umucungezi w’umuzunguruko agendeye ishengero azokwihweza iyo kopi.

◼ Abakurambere baribukijwe gukurikiza inama zatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, urupapuro rwa 20-22 ku vyerekeye abantu abo ari bose baciwe canke biyonjoroye boba bakwiye kugenderwa.

◼ Amashengero akwiye gutanga inomero ziherutse gusohoka z’Umunara w’Inderetsi na Be maso! akimara kuzironka. Ivyo bizotuma abamamaji bashobora kumenya ibirimwo imbere y’uko bashikiriza ivyo binyamakuru mu murimo wo mu ndimiro.

◼ Kubera yuko ukwezi kwa Gitugutu kuzoba gufise amayinga atanu yuzuye, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika