ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/04 rup. 5
  • Dutegerezwa kwubaha ubukuru bwa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dutegerezwa kwubaha ubukuru bwa Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Mutere Iteka Abahawe Ubukuru Kuri Mwebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Bagarariza Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 9/04 rup. 5

Dutegerezwa kwubaha ubukuru bwa Yehova

Ni igiki uca wibuka igihe wumvise aya mazina ya kera nka Kora, Datani na Abiramu? Ukugarariza! Ukugarariza iki? Ukugarariza ubukuru bwashinzwe n’Imana. Ido n’ido ry’ingendo yabo iteye agahinda riranditse mu gitabu co Guharūra ikigabane ca 16, incamake yayo na yo tuyisanga mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2002, mu kiganiro kivuga ngo: “Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka”. Wosanga ari ngirakamaro kubanza gusoma ayo mayagwa hanyuma ukirabira ingene iyo ngendo yabo yerekanwa mu buryo butuma umuntu azirikana muri ya videwo ivuga ivyerekeye ukwubaha ubukuru bwa Yehova (Respectons l’autorité de Jéhovah). Uzokwibonera amatati yabaye hagati y’abahungu b’abizerwa ba Kora hamwe na se wabo w’umugarariji, uwahanganye na Segaba w’ijuru n’isi (Guh. 26:9-11). Ico gikino cigana ibintu vyabaye koko, gikwiye gutuma twese dutsimbataza ukudahemuka kwacu kuri Yehova mu buryo bwuzuye kuruta.

Uko uraba iyo videwo, nurondere kubona icerekana ko Kora hamwe n’abagarariji bagenziwe bananiwe kuguma ari intahemuka mu mice itandatu ihambaye: (1) Bakengereye gute ubukuru bwashinzwe n’Imana? (2) Ni mu buryo ki baretse ubwibone, uguhahamira ubukuru be n’ishari bikabosha? (3) Ni mu buryo ki bibanze ku dusembwa tw’abagenywe na Yehova? (4) Ni agatima akahe k’ukwidodomba batsimbataje? (5) Ni kubera iki batamazwe ipfa n’uduteka bari baratewe mu murimo? (6) Ni mu buryo ki baretse abagenzi babo be n’imiryango yabo bikaba ari vyo bija imbere kuruta ukudahemuka ku Mana?

Rimbura ingene ivyigwa dukura kuri ico gikino c’ivya Bibiliya vyerekeye ukuntu ubwacu tubona ubukuru bwashinzwe n’Imana muri iki gihe: (1) Dukwiye kwakira gute ingingo zifatwa n’abakurambere mw’ishengero, kandi kubera iki? (2) Twokwikuramwo gute imigabo iyo ari yo yose itabereye? (3) Dukwiye kubona gute udusembwa tw’abagenywe ngo batuje imbere? (4) Dukwiye gukora iki igihe agatima k’ukwidodomba gatanguye kuvyuka mu mitima yacu? (5) Dukwiye kwumva tumerewe gute ku bijanye n’uduteka utwo ari twose twatewe? (6) Ni bande badakwiye kwigera baza imbere y’ukudahemuka kwacu ku Mana, kandi ni ryari ivyo vyoba ikigeragezo kitoroshe kuri twebwe?

Mumaze kuganira kuri ayo makuru mw’ishengero, ni kubera iki utosubira kuraba iyo videwo? Nureke iyo videwo itume urushiriza kunyurwa n’imvo zituma dutegerezwa kwama twubaha ubukuru bwa Yehova!—Zab. 18:25; 37:28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika