Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 11 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nuremeshe bose gukoresha ibibazo biri ku rupapuro rwa 1 kugira ngo basubiremwo utwo banditse, mu kwitegurira ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri porogarama ya rya hwaniro ryataziriwe ngo “Gendana n’Imana” kizoshikirizwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga na Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Nyakanga. Nuremeshe abamamaji gushiramwo icanditswe mu biyago batanguza. Ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 15: Himbarwa no gufasha abandi (Yoh. 4:34). Ibiganiro vy’ukubaza ibibazo. Biratera umunezero kubona mu maso h’umuntu hakayangana akamwemwe igihe amenye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana (w94-F 1/3 rup. 29 ing. 6-7). Nubaze ibibazo abamamaji canke abatsimvyi babiri kibure batatu babangukirwa no gukoresha Bibiliya mu busuku bakongera bakabangukirwa no gutanguza be no kurongora inyigisho za Bibiliya. Batsimbataza gute ugushimishwa kubonetse? Ni umunezero uwuhe baronka iyo babigenjeje gutyo? Nibigane uko babigenjeje mu busuku bwabo canke bagire agakino gasubiramwo uko babigenjeje.
Imin. 20: “Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agatabu gashasha”.a Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nimugire imyerekano y’uburyo bwatanzwe bwo gutanguza ikiyago. Muri umwe muri iyo myerekano, nya muntu abwirwa aragaragaza ko adashimishwa cane n’ivyo ashikirizwa bishingiye ku Vyanditswe, maze agaca ahabwa agapapuro k’inkuru nziza aho guhabwa nya gatabu.
Ururirimbo rwa 69 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 18 Gitugutu
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Nuvuge muri make indinganizo zagizwe zijanye na rya sekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agatabu gashasha.
Imin. 40: “Ihwaniro ry’Intara riratuvyurira ishaka ryo kugendana n’Imana”.b Gishikirizwe n’umukurambere. Umaze gushikiriza intangamarara y’umunuta umwe canke udashika, nuce urongora ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri porogarama y’ihwaniro, ukoresheje ibibazo biri muri ico kiganiro. Nugere umwanya kugira ngo mushobore kwihweza bihagije ikibazo kimwekimwe cose, kumbure hatangwe inyishu imwe gusa ku bibazo bimwebimwe. Ivyanditswe vyatanzwe ntibishobora gusomwa vyose bivanye n’umwanya watanzwe; vyashizwemwo kugira ngo umuntu bimworohere gutora aho inyishu ziri. Insasanuro zitangwa zikwiye kwibanda ku vyiza biva mu gushira mu ngiro ivyo twize.
Ururirimbo rwa 165 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 25 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimugire umwerekano w’uburyo bwo gushikiriza ka gatabu gashasha bwavuyemwo ivyiza mu cibare iwanyu. Niba umwanya ubibakundiye, nimwigane ivyabonywe muri iryo sekeza ridasanzwe.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: Nutange ibimenyamenya bishigikira Ijambo ry’Imana. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’ubusuku, urupapuro rwa 256-257. Dushobora gute gukoresha ibimenyamenya biva mu yandi masôko atari Bibiliya kugira dufashe abantu kubona yuko ivyo Ivyanditswe bivuga vyumvikana? Nusabe abumviriza batange insasanuro ku bibazo bikurikira: Ni uburorero ubuhe bwo muri iki kirere tubona n’amaso twoshobora kuvuga kugira ngo twerekane yuko hariho Umuremyi (rs-F rup. 73-74 canke rs-SW rup. 397-398)? Twoshobora gute gukoresha ivyavuzwe n’incabwenge canke n’abahinga kugira dufashe abandi kubona yuko Bibiliya vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana (rs-F rup. 55-57 canke rs-SW rup. 44-46)? Ni akarorero akahe canke ikigereranyo ikihe twoshobora gukoresha kugira dufashe abandi kubona igituma Imana ireka ububisha bukabandanya (rs-F rup. 239 canke rs-SW rup. 371)? Ni ivyabonywe ibihe canke uburorero ubuhe wakoresheje kugira ufashe abandi kubona yuko gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya ari ikintu kiranga ubukerebutsi?
Ururirimbo rwa 62 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 1 Munyonyo
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji bose gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro.
Imin. 20: Ingene twofasha abavuga urundi rurimi. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku majambo y’intangamarara yo mu gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose. Niwerekane imice y’ako gatabu gashasha. Nimuganire ku bintu bitatu dushobora gukora kugira ngo dufashe abantu bavuga ururimi tutazi. Nimushiremwo ibivugwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 2003, urupapuro rwa 4. Nuvuge yuko ka karatasi S-43 kavuga ngo Turagusavye ugendere abantu bashimishijwe gakwiye mu bisanzwe kwuzuzwa naho nya muntu atoba yashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami. Nimushiremwo umwerekano w’ukuntu hokoreshwa ako gatabu gashasha.
Imin. 15: Ivyabonywe ngaho iwanyu. Nimwigane ivyabonywe mu gihe ca rya sekeza ridasanzwe ryo gushikiriza ka gatabu gashasha. Ivyabonywe vyibonekeje vyoshobora gusubirwamwo mu buryo bw’agakino gasubiramwo ivyabaye. Nushire ahabona ivyaranguwe, maze ukeze bose ku bw’utwigoro bagize. Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza rizorimbura ukuntu umuntu yotsimbataza ugushimishwa, akoresheje ka gatabu gashasha.
Ururirimbo rwa 175 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.