Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Nyak.
“Nta n’umwe muri twebwe atipfuza kugira ubuhirwe. Woba wibaza yuko ibintu bivugwa ngaha bishobora kuzana ubuhirwe? [Soma Matayo 5:4a, 6a, 10a. Nuce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino insobanuro y’ayo majambo yo muri ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi, kikongera kikavuga ibindi bintu bisabwa kugira ngo umuntu agire ubuhirwe”.
Be maso! 8 Nyak. (mu gifaransa)
“Biharurwa yuko umuntu 1 kuri 4 bizoshika mu buzima bwiwe akarwara mu mutwe. Abenshi muri twebwe barazi umuntu kanaka arwaye mu mutwe. [Nuzingurure ahari ico kiganiro.] Iki kiganiro kiratanga inama ngirakamaro z’ivyo dushobora gukora mu gihe hari uwacu arwaye mwene iyo ndwara”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Nyak.
“Abantu amamiliyoni barashira mu bisabisho canke mu masengesho yabo aya majambo azwi cane. [Soma Matayo 6:10.] Wibaza ko ubuzima bwoba bumeze gute hamwe ivyo Imana igomba vyoba biriko birakorwa kw’isi bimwe bishitse? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza insobanuro y’igice kimwekimwe cose ca ca gisabisho ca Dawe wa twese, ushizemwo n’iki gice duhejeje gusoma”.
Be maso! 22 Nyak. (mu gifaransa)
“Abantu benshi bararajwe ishinga n’ingorane irushiriza kwongerekana mu rwaruka, iyo na yo ikaba ari ukunywa bakarenza urugero. Woba urumva ivy’iyo ngorane? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 20:1.] Kunywa umuntu akarenza urugero birashira urwaruka mu kaga kenshi. Iki kiganiro kirimwo amakuru ashobora gufasha urwaruka kunanira umukazo wo kunywa inzoga zirenze urugero”.