Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza kuva 1-14 Munyonyo: Isekeza ryo gushikiriza ka gatabu Mwame mugavye!. 15-30 Munyonyo: Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko ata bana bafise, nimushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Igihe mukoresha ako gatabu, nimwitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Kigarama: Nimushikirize igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Nimba mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza igitabu La Bible:Parole de Dieu ou des hommes?, Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya canke igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nzero 2005: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zigenda zirahishira canke zigenda zirahindura ibara kubera ubusaza, canke igitabu ico ari co cose casohowe imbere yo mu 1990 coshobora gushikirizwa, be na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Amashengero adafise na kimwe muri ivyo bitabu vya kera yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma 2005: Igitabu Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banke mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabunga ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyigenzura. Iryo genzura rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.
◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Be maso! z’umwaka wa 2004 kuri komande zayo z’ubutaha. Gushika aho izo mbumbe zizobonekera hanyuma zikarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungikiwe ishengero hazoguma handitsweko ngo “Ibizoza”. Imbumbe ni ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Guhera ku ndwi itangura ku wa 23 Rusama 2005, tuzokwiga ka gatabu Mwame mugavye! mu nyigisho y’igitabu y’ishengero.
◼ Birakenewe ko ibiro vy’ishami biguma bifise aderese be n’inomero za telefone vya vuba vy’abacungezi bahagarikizi be n’abanyamabanga bose. Igihe cose hari igihindutse, Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kwuzuza idatevye ka gakaratasi k’Ihinduka rya aderese y’umucungezi muhagarikizi canke y’umunyamabanga (S-29), ikagaterako umukono, maze igaca ikarungikira ibiro vy’ishami.