Imfashanyo yawe irakenewe
1 “Ndabashimiye ku vyo mutugirira vyose. Emwe, biri n’ico bitumarira koko”. Ayo majambo araserura neza inyiyumvo dufise zo gukengurukira abakurambere n’abakozi b’ishengero bacu. Uko ishirahamwe ry’Imana ritera ryaguka, haguma hakenerwa abagabo bahumuye mu vy’impwemu bosukurira mu mashengero hafi 100.000 yo kw’isi yose. Nimba uri umuvukanyi amaze kubatizwa, imfashanyo yawe irakenewe.
2 ‘Kurondera gushikira’ amabanga: Woshobora gute gushikira amabanga y’umurimo yiyongereye (1 Tim. 3:1, NW)? Ahanini, ni mu gutanga akarorero keza mu mice yose y’ubuzima bwawe (1 Tim. 4:12; Tito 2:6-8; 1 Pet. 5:3). Nugire uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza wongere ufashe abandi kubigira (2 Tim. 4:5). Niwitwararike bimwe bivuye ku mutima ineza y’abo musangiye ukwizera (Rom. 12:13). Nube umuntu yigana ubwira ijambo ry’Imana wongere utsimbataze ‘ubuhanga bwo kwigisha’ (Tito 1:9, NW; 1 Tim. 4:13). Nukorane ubwira igikorwa cose ushingwa n’abakurambere (1 Tim. 3:10). Nimba uri serugo, ‘nuganze neza abo mu rugo rwawe’.—1 Tim. 3:4, 5, 12.
3 Kurangura amabanga ujejwe birimwo gukora ugatama kandi bisaba agatima ko kwitanga (1 Tim. 5:17). Igihe rero urondera gushikira amabanga, niwibande ku gukorera abandi wicishije bugufi (Mat. 20:25-28; Yoh. 13:3-5, 12-17). Nuzirikane ku gatima Timoteyo yari afise, kandi urondere kukigana (Flp. 2:20-22). Nka kumwe kwa Timoteyo, nureke ukwigenza neza kwawe kube ari kwo kukurata (Ivyak. 16:1, 2). Uko utsimbataza kamere zo mu vy’impwemu zikenewe kugira urangure amabanga yiyongereye kandi ugashira mu ngiro impanuro yose uhabwa kugira ugire ivyo uryohoye, “kuja imbere kwawe [kuzoheza] kubonekere bose”.—1 Tim. 4:15.
4 Bavyeyi, nimwereke abakiri bato ingene bofasha: Abana barashobora gutangura kumenya ingene bofasha kuva bakiri bato cane. Bigishe gukurikira neza mu makoraniro, kwamamaza, no kuba intangakarorero mu buryo bigenza ku Ngoro y’Ubwami canke kw’ishure. Baremeshe kugira uruhara mu vyo gukorera abandi, bakore nko mu bijanye no gusukura Ingoro y’Ubwami, gufasha abashaje, n’ibindi. Nimutume bumva muri bo agahimbare kazanwa n’ugutanga (Ivyak. 20:35). Iyo nyigisho irashobora kubafasha kuba abatsimvyi, abakozi b’ishengero be n’abakurambere b’ejo.