Niwungukire kuri ya videwo Pas de sang—la médecine relève le défi
Woba uzi ibingana iki ku bijanye n’ubundi buryo buhari bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso? Ubundi buhinga bukoreshwa mu gishingo c’ugutera amaraso woba utahura ubwo ari bwo be n’ingene bukora? Nurorere iyo videwo maze usuzume ubumenyi ufise kuri ibi bibazo bikurikira. Ibimenyeshejwe: Kubera yuko muri iyo videwo bacishamwo amashusho yerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi bakwiye kwiyubara igihe bafata ingingo y’uko abana babo batobato boraba iyo videwo canke batoyiraba.
(1) Ni imvo nyamukuru iyihe ituma Ivyabona vya Yehova banka guterwa amaraso, kandi iyo ngingo ngenderwako tuyisanga hehe muri Bibiliya? (2) Ku bijanye n’ukuvurwa, ni igiki twipfuza? (3) Ni uburenganzira bw’ishimikiro ubuhe abarwayi bafise? (4) Ni kubera iki kwanka guterwa amaraso ari ikintu gitegereka kandi kiranga ubukerebutsi? (5) Iyo bishitse umurwayi agatakaza amaraso menshi, ni ibintu bibiri vyihutirwa ibihe abaganga bokora? (6) Guterwa amaraso birimwo akahe kaga ku magara? (7) Ni ibikoresho bimwebimwe ibihe abaganga babaga bashobora gukoresha kugira ngo ntihatakare amaraso menshi mu gihe c’ukubaga? (8) Ni ibiki ukwiye kurondera kumenyeshwa ku biraba ubundi buryo bwose busubirira amaraso? (9) Ukubagwa guhambaye kandi kugoye, kwoba gushobora kugirwa umurwayi atiriwe araterwa amaraso? (10) Ni ibiki abaganga batera biyongera bemera kugirira Ivyabona vya Yehova, kandi ni uburyo ubuhe bwoshobora kuzohava bukoreshwa mu kuvura abarwayi bose?
Kwemera uburyo bw’ukuvurwa ubwo ari bwo bwose bwerekanwa muri iyi videwo ni ingingo umwumwe wese yifatira yisunze ijwi ryo mu mutima.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004, urupapuro rwa 22-24, 29-31, be n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000, urupapuro rwa 30-31.