ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/04 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 12/04 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muny.

“Abantu benshi ntibacizigira ko indongozi z’abantu zishobora gutorera umuti ingorane zo muri iki gihe. Woba wibaza ko hari uwushobora kurangura ivyavuzwe muri iyi mirongo? [Soma muri Zaburi 72:7, 12, 16. Nuce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura iyo ndongozi yari yaravuzwe uwo ari we be n’ivyo azorangura”.

Be maso! 8 Muny. (mu gifaransa)

“Abana barakeneye ubuyobozi kugira bananire imikazo bahura na yo muri iki gihe. Weho none si ko ubibona? [Rindira yishure. Nuce usoma mu Banyefeso 6:4.] Iki kinyamakuru kirihweza insobanuro nyakuri y’ugutoza indero. Kiravuga kandi ingene abavyeyi boyobora abana babo bakongera bakabakosora, batiriwe barabarandura umutima”.

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Muny.

“Abantu benshi baripfuza kugira amagara meza no kuramba. Mugabo none, iyaba vyashoboka, ntiwoshima kubaho ibihe bidahera? [Rindira yishure. Nuce usoma muri Yohana 17:3.] Iki kinyamakuru kiravuga umuhango Bibiliya itanga w’ubuzima budahera. Kirihweza kandi ukuntu ubuzima buzoba bumeze uwo muhango niwaranguka”.

Be maso! 22 Muny. (mu gifaransa)

“Muri iyi myaka 20 iheze, harabaye iterambere riboneka mu vy’ugutahura ca kiza ruhonyanganda SIDA no mu vy’ukukivura. Yamara, abantu benshi ntibaramenya neza ivyaco. [Mwereke uruzitiro ruvuga ngo “Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye SIDA”, hanyuma urindire agire ico avuze.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu abavyeyi bokingira abana babo”. Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika