Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muny.
“Abantu benshi ntibacizigira ko indongozi z’abantu zishobora gutorera umuti ingorane zo muri iki gihe. Woba wibaza ko hari uwushobora kurangura ivyavuzwe muri iyi mirongo? [Soma muri Zaburi 72:7, 12, 16. Nuce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura iyo ndongozi yari yaravuzwe uwo ari we be n’ivyo azorangura”.
Be maso! 8 Muny. (mu gifaransa)
“Abana barakeneye ubuyobozi kugira bananire imikazo bahura na yo muri iki gihe. Weho none si ko ubibona? [Rindira yishure. Nuce usoma mu Banyefeso 6:4.] Iki kinyamakuru kirihweza insobanuro nyakuri y’ugutoza indero. Kiravuga kandi ingene abavyeyi boyobora abana babo bakongera bakabakosora, batiriwe barabarandura umutima”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Muny.
“Abantu benshi baripfuza kugira amagara meza no kuramba. Mugabo none, iyaba vyashoboka, ntiwoshima kubaho ibihe bidahera? [Rindira yishure. Nuce usoma muri Yohana 17:3.] Iki kinyamakuru kiravuga umuhango Bibiliya itanga w’ubuzima budahera. Kirihweza kandi ukuntu ubuzima buzoba bumeze uwo muhango niwaranguka”.
Be maso! 22 Muny. (mu gifaransa)
“Muri iyi myaka 20 iheze, harabaye iterambere riboneka mu vy’ugutahura ca kiza ruhonyanganda SIDA no mu vy’ukukivura. Yamara, abantu benshi ntibaramenya neza ivyaco. [Mwereke uruzitiro ruvuga ngo “Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye SIDA”, hanyuma urindire agire ico avuze.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu abavyeyi bokingira abana babo”. Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.