Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 10 Nzero
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu) kugira mugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama. Ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Mu mwerekano umwe, nimwerekane ukuntu umuntu yoshikiriza ivyo binyamakuru incuti itari Icabona.
Imin. 15: “ ‘Turagaburirwa amajambo y’ukwizera’ ”.a Some mwongere muganire ku vyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo mu majambo niba umwanya ubibakundiye.
Imin. 20: “Gerageza gukoresha uburyo buhuza n’uko ibintu vyifashe”. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku rupapuro rwa 6 rw’inyongera. Nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu ubwo buryo bwoshobora gukoreshwa hakoreshejwe igisohokayandikiro co gushikiriza muri ukwo kwezi. Mu mwerekano umwumwe wose, nya mwamamaji nasome icanditswe kimwe cerekana umuti w’ingorane yavuzwe n’uwo bayaga.
Ururirimbo rwa 143 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 17 Nzero
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Rwaruka—mwoba muriko mutera imbere mu vy’impwemu? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2003, urupapuro rwa 8-10. Nuvuge amahangiro amwamwe ashoboka kandi umuntu ashobora gushikako wongere uremeshe urwaruka kwishingira amahangiro arashe yo mu vy’impwemu.
Imin. 20: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 5”.b Shiramwo umwerekano aho umwigisha abimenyereye aganira n’umwamamaji mushasha ukuntu yokwirinda imitego ivugwa mu ngingo ya 4 n’iya 5.
Ururirimbo rwa 78 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 24 Nzero
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimwihweze muri make uruzitiro ruvuga ngo “Ibiganiro vyo kurorera biri ku kadisiki kitwa DVD”.
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Insiguro.
Imin. 25: “Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa”.c Koresha ibibazo vyatanzwe. Nucishemwo ivy’uko mu rupapuro rwa 3-5 rw’inyongera yo muri uku kwezi harimwo uburyo bwo gutanguza ibiyago bujanye n’ibisohokayandikiro tuzoshikiriza. Bika neza iyo nyongera kugira muzoze murayikorako mu mwaka wose. Muhejeje kurimbura ico kiganiro, nimuganire ukuntu dushobora gushikiriza igitabu Niwiyegereze Yehova muri Ruhuhuma. Nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yotanguza ibiyago. Iyo myerekano yoshobora kuba ishingiye ku buryo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 3, canke ku bundi buryo bwoba kirumara mu cibare canyu.
Ururirimbo rwa 200 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 31 Nzero
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Nzero. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 (niba bibereye mu cibare canyu), nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama canke Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko, bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: Woba uhora wihweza Ivyanditswe ku musi ku musi? Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku majambo y’intangamarara y’agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2005. Niba ako gatabu kataraboneka mw’ishengero, nimukoreshe amajambo y’intangamarara yo mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2004. Nuvuge ivy’uko twese dukeneye gufata akanya k’iminuta mikeyi buri musi ko kurimbura icanditswe n’insasanuro zaco. Nuringanize imbere y’igihe ivy’uko hagira umwe canke babiri bavuga ukuntu bama barimbura icanditswe c’umusi be n’ukuntu bavyungukiyeko. Nimusozere muganira muri make ku canditswe c’umwaka wa 2005.
Ururirimbo rwa 184 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 7 Ruhuhuma
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Fasha abashasha kwiga gukunda Imana n’umuntu nka bo. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2004, urupapuro rwa 16, ingingo ya 7-9. Niwerekane ukuntu umwumwe wese mu bo mw’ishengero afise uruhara mu vy’ugufasha abashasha gucika abigishwa ba Kirisitu.
Imin. 20: Nta ciza na kimwe Yehova yimana (Zab. 84:11). Nubaze ibibazo abavukanyi be n’abavukanyikazi bakeyi bagumye ari intahemuka mu bigeragezo. Ni ingorane izihe baciyemwo? Ni igiki cabafashije kwihangana? Ni iminezero be n’imihezagiro iyihe baronse?
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.