Gerageza gukoresha uburyo buhuza n’uko ibintu vyifashe
Kuba twitwararika abantu tubikuye ku mutima bizotuma tugerageza kubona ivyo bakeneye maze tubereke ingene Ubwami buzotorera umuti rimwe rizima ingorane zibahanze (Flp. 2:4). Uburyo buhuza n’uko ibintu vyifashe abamamaji benshi basanga ari ngirakamaro ni ugusaba uwo baganira kugira ico avuze ku mashusho yerekana ingene Iparadizo izoba imeze dusanga mu bisohokayandikiro vyacu, nk’ibi biri aha mu nkingi y’i buryo kuri uru rupapuro. Ivyo woshobora kubigira ukoresheje bumwe mu buryo bwo gutanguza ibiyago bukurikira:
◼ “Wibaza ko tuzoteba tukabona umuryango w’abantu ubayeho nk’uku tubibona kuri iyi shusho?”
◼ “Twese twoshima kubona abana bacu babayeho bahimbawe mw’isi nk’iyi ubona hano. Wibaza ko hasabwa iki kugira ngo ivyo biranguke?”
◼ “Iyi ni ishusho yerekana ingene isi izoba imeze ivyo Imana igomba nivyaba kw’isi nk’uko biba mw’ijuru. Hari ikintu ubona hano gitandukanye n’uko ubuzima bumeze muri iki gihe?”
◼ “Woshima kubaho umerewe nk’uku vyerekanwa hano? [Rindira yishure.] Wibaza ko ivyo bizoshika mu buzima bwacu?”
Niwumvirize witonze inyishu uwo muntu atanga, maze ubigiranye umutima mwiza, urondere kumenya iryo agona mu kumubaza ikindi kibazo kimwe canke bibiri. Niba bamwebamwe bishuye yuko batoshima kubaho bamerewe nk’uko vyerekanwa kw’ishusho canke niba batemera yuko ibintu nk’ivyo bishoboka, ntuce buno nyene ubona ko badashimishwa. Ubigiranye ubugenge, nurondere kumenya igituma biyumva gutyo. Ivyo bavuga vyoshobora guhishura yuko bahagaritswe umutima cane n’ingorane zihanze abantu zisa n’izidashobora gutorerwa umuti.—Ezk. 9:4.
Umaze kubona ibiraje ishinga uwo muyaga, nimuyage ufatiye kuri ivyo nyene. Nushire ahabona umuce w’ubutumwa bw’Ubwami uvuga canecane ku bijanye n’ivyo akeneye. Numwereke icanditswe kimwe canke bibiri kijanye n’ikibazo kimuraje ishinga. (Raba inama ziri aha i buryo.) Reka yirabire ico Ijambo ry’Imana rivuga. Ubonye ashimishijwe, numuhe ico gisohokayandikiro maze uringanize ivyo gusubira kumugendera. Nubandanye kwubakira ku vyo mwayaze ubwa mbere.
[Box on page 6]
Uburorero bw’ukuntu Iparadizo izoba imeze
Igitabu Création: urupapuro 237, 243, 251
Igitabu Umwigisha: urupapuro 251-254
Igitabu Ubumenyi: urupapuro 4-5, 188-189
Agatabu Ni ibiki Imana idusaba?: urupapuro 11, 13
Igitabu La paix véritable: urupapuro 98
Igitabu Senga Imana: urupapuro 92-93
[Box on page 6]
Ibintu biraje ishinga abantu
Akabonge
Ibiturire, akarenganyo
Indwara, ubumuga
Intambara, iterabwoba
Intwaro ata co zishoboye
Kwonona isi
Ubugizi bwa nabi, ubukazi
Ubukene, agahahazo
Ubukene bw’ibifungurwa, ugufungura nabi
Uburaro, ingorane z’ivy’ubutunzi
Ugufata nabi ibikoko
Ugutituka kw’inyifato runtu
Ukwinubana, ubusumbasumbane
Urupfu, amarira