Ibiganiro vyo kurorera biri ku kadisiki kitwa DVD
Iyo DVD ivuga ngo “Des alternatives à la transfusion: documentaires” (Ibiganiro vyerekeye uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso) irimwo ibiganiro vyo kuraba bitatu. Ikiganiro kivuga ngo “Les alternatives à la transfusion: simples, sûres, efficaces” (Uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso, bworoshe, bwizigirwa kandi ngirakamaro) cagenewe abaganga n’abanyeshure bakurikirana ivy’ubuvuzi, gutyo kikaba kirimwo amasanamu y’ivy’ukuvura menshi kuruta ayari mu bindi biganiro bibiri bisigaye. Ikiganiro kivuga ngo “Soigner sans transfuser: besoins et droits du patient” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa) cagenewe canecane abamenyeshamakuru bashikiriza amakuru y’ivy’ubuvuzi, abategetsi bajejwe amagara y’abantu, abakora mu vy’imibano be n’abacamanza. Ico kiganiro kirarimbura ingene ivyo abarwayi bakeneye vyokwitwararikwa hatirengagijwe uburenganzira bwabo bwemewe n’amategeko. Ikiganiro kivuga ngo “Pas de sang: la médecine relève le défi” (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso) cagenewe ahanini abantu bose. Iyo DVD irimwo ibiganiro vyo kuraba biri mu congereza, hakaba harimwo n’ibindi bice bivugwa mu gifaransa, mu giporotigali (co muri Berezile), mu gisupanyoli, mu gitaliyano, mu kidagi, mu kirusiya no mu kiyapani. Ntiwitinye kwereka ivyo biganiro umuganga wawe, abo mwigana Bibiliya, uwo mwubakanye atari Icabona, incuti, abigisha, abo mukorana, n’abo mwigana.