Bafashe basubire kubwirwa ubutumwa
1 Iyo turiko turamamaza inkuru nziza, turakunda guhura n’abantu bataba mu cibare dukoreramwo canke abantu bavuga urundi rurimi, ushizemwo n’ururimi rw’ibimenyetso. Abandi tugirana ibiyago vyiza bishingiye kuri Bibiliya boshobora kwimuka bakava mu cibare cacu. Twoshobora gute gutunganya ivy’uko abantu nk’abo basubira kubwirwa ubutumwa? Twobigira mu gukoresha ka gakaratasi ko kwuzuza kavuga ngo Turabinginze muringanize ivy’uko umwamamaji abishoboye agendera uyu muntu (S-70).
2 Abantu usanga akenshi barushiriza gutega yompi inkuru nziza iyo ishikirijwe mu rurimi rwabo kavukire (Ivyak. 22:1, 2). Ku bw’ivyo rero, iyo mu bisanzwe duhuye n’umuntu avuga urundi rurimi, dukwiye kwuzuza ako gakaratasi naho nyene atoba yerekanye yuko yashimye ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero, aho usanga hari abantu benshi cane bavuga urundi rurimi bama babwiwe ubutumwa mu rurimi rwabo kavukire, hari aho bitoba bikenewe ko twuzuza ako gakaratasi, kiretse igihe hari uwashimishijwe.
3 Ukwuzuza ako gakaratasi: Ubigiranye ubugenge, nugerageze kumenya izina ry’uwo muntu, aderese yiwe be n’inomero ziwe za telefone. Niwerekane ukuntu uwo muntu yavyakiriye (niba yashimishijwe cane canke bigereranye), igihe ashobora kubonekerako, igisohokayandikiro wamuhaye canke yasavye, be n’ururimi atahura neza. Umaze kwuzuza ako gakaratasi, nuce ugaha umunyamabanga w’ishengero udatebaganye, na we akazoca akarungikira ishengero canke umugwi ukorera muri ako karere.
4 Ukurungika ako gakaratasi: Niba umunyamabanga atazi ishengero canke umugwi akwiye kurungikira ako gakaratasi canke adafise aderese y’iryo shengero canke y’uwo mugwi, yoshobora guterefona Ibiro bijejwe ivyibare ku biro vy’ishami kugira aronke amakuru akenewe. Ntibigikenewe ko umucungezi w’igisagara abanza kubimenyeshwa mu gihe co kurungika ako gakaratasi.
5 Igihe cose ishengero canke umugwi uronse ako gakaratasi kujujwe, hakwiye gutunganywa ivy’uko uwo muntu agenderwa bidatevye. Uko turangurana ubwira uruhara rutwega, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azokwugurura imitima y’ “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”.—Ivyak. 13:48, NW.