ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/05 rup. 3
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 3/05 rup. 3

Amatangazo

◼ Ntwarante: Nimushikirize agatabu Mwame mugavye!. Niba abantu berekanye ko bashimishwa koko, nimubereke igitabu Ubumenyi, hagirwe akigoro ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo n’abitavye Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwitwararike canecane kubashikiriza igitabu Senga Imana. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane ku bantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ruheshi: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba na ho abantu bavuze ko ata bana bafise, nimushikirize igitabu Ubumenyi. Nimugire akigoro ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.

◼ Amashengero akimara kuronka inomero za vuba cane z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, akwiye guca azishira ahabona kugira ngo abagize ishengero bazironse. Ivyo bizotuma abamamaji bamenya ibiri muri izo nomero imbere yo kuzishikiriza mu murimo wo mu ndimiro. Igikorwa dukorera Ubwami na co nyene gikwiye kuronswa abamamaji kikimara gushika. Coshobora gutangirwa ku Nyigisho y’igitabu y’ishengero.

◼ Icibutso kizohimbazwa ku wa kane igenekerezo rya 24 Ntwarante 2005. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku munsi wa kane, ayo makoraniro akwiye kwimurirwa ku wundi musi wo muri iyo ndwi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora gukoreshwa. Ivyo nimba bidashoboka kandi Ikoraniro ry’umurimo rikaba ridashobora kugirwa, ibihimba vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu mushobora kuzovyongera ku rindi Koraniro ry’umurimo.

◼ Hari abamamaji baterefonye ibiro vy’ishami ku bijanye n’indirimbo z’Ubwami zafashwe ku makaseti ziriko zikwiragizwa mu Vyabona vya Yehova, zaririmbwe mu buryo bwa za ndirimbo zo mw’isi zikundwa na benshi. Baribaza niba izo ndirimbo zafashwe kw’ikaseti zemewe n’ishirahamwe. Turazi ko izo ndirimbo ziriho kandi twagomba kubamenyesha ko zitemewe n’ishirahamwe. Turabinginze ntimuzikwiragize canke ngo muzishire kuri Internet. Turizigiye yuko ayo makuru azotomora ibintu.

◼ Igihe cose hari abategekanya gufata urugendo ku giti cabo bakaba bategekanya no kwitaba amakoraniro y’ishengero, iteraniro canke ihwaniro ry’intara ribera mu kindi gihugu, amakuru yerekeye amatariki, amasaha be n’aho bizobera bitegerezwa gusabwa ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa muri ico gihugu bagiyemwo. Aderese z’ibiro vy’amashami uzisanga ku rupapuro rwa nyuma rw’igitabu Annuaire kigezweko.

◼ Abanyamabanga b’amashengero bakwiye kuguma bafise inkaratasi zihagije zo Gusaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe (S-205) n’iz’Ugusaba umurimo w’ubutsimvyi bw’ugufasha (S-205b). Zishobora gusabirwa kuri rwa rukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro (S-14). Nimugume mufise n’imiburiburi izikwiranye n’umwaka umwe.

◼ Guhera ku ndwi yo ku wa 27 Ruheshi 2005, tuzokwiga igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika