ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/05 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 3/05 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ruhuh.

“Si ikintu kibabaje none kubona abantu benshi muri iki gihe bahahazwa bakongera bakagirirwa ibintu biranga ubukazi? [Tanga akarorero kazwi aho iwanyu k’ibiherutse kuba hanyuma urindire yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu Imana ibona ubuzima bw’umuntu. Kirasigura kandi ukuntu izodukura muri uku gucumukura kuriho muri iki gihe”. Soma Zaburi 72:12-14.

Réveillez-vous! 8 Ruhuh.

“Kimwe mu bintu bitoroshe biduhanze muri kino gihe bikomeye kuruta ibindi, ni ukwihanganira ingorane zo mu buzima, si ko none? [Rindira yishure.] Bibiliya yari yarabuye ata kwihenda yuko ivyo ari ko vyogenze. [Soma 2 Timoteyo 3:1.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro zishobora kubafasha mwe n’umuryango wanyu kwihanganira izo ngorane”.

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ruhuh.

“Rimwe na rimwe turumva amakuru avugwamwo ivy’uko ngo hari igitangaro cabaye. [Tanga akarorero.] Abantu bamwebamwe baremera ayo makuru. Abandi usanga bagira amakenga. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivy’uko ibitangaro bivugwa muri Bibiliya vyoba vyarabaye koko, kikanavuga nimba mwene ivyo bitangaro vyoba bibaho muri iki gihe”. Soma Yeremiya 32:21.

Réveillez-vous! 22 Ruhuh.

“Mu bihe vya kera, Imana yategetse abana kwubaha ba se na ba nyina. [Soma Kuvayo 20:12.] Ku bwawe none, ubona ba inabibondo bubahwa nk’uko bibereye koko muri iki gihe? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingorane zitoroshe ba inabibondo bo mu bihugu bitandukanye bariko barahura na zo be n’ukuntu bariko barazifatamwo”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika