Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ruhuh.
“Si ikintu kibabaje none kubona abantu benshi muri iki gihe bahahazwa bakongera bakagirirwa ibintu biranga ubukazi? [Tanga akarorero kazwi aho iwanyu k’ibiherutse kuba hanyuma urindire yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu Imana ibona ubuzima bw’umuntu. Kirasigura kandi ukuntu izodukura muri uku gucumukura kuriho muri iki gihe”. Soma Zaburi 72:12-14.
Réveillez-vous! 8 Ruhuh.
“Kimwe mu bintu bitoroshe biduhanze muri kino gihe bikomeye kuruta ibindi, ni ukwihanganira ingorane zo mu buzima, si ko none? [Rindira yishure.] Bibiliya yari yarabuye ata kwihenda yuko ivyo ari ko vyogenze. [Soma 2 Timoteyo 3:1.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro zishobora kubafasha mwe n’umuryango wanyu kwihanganira izo ngorane”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ruhuh.
“Rimwe na rimwe turumva amakuru avugwamwo ivy’uko ngo hari igitangaro cabaye. [Tanga akarorero.] Abantu bamwebamwe baremera ayo makuru. Abandi usanga bagira amakenga. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivy’uko ibitangaro bivugwa muri Bibiliya vyoba vyarabaye koko, kikanavuga nimba mwene ivyo bitangaro vyoba bibaho muri iki gihe”. Soma Yeremiya 32:21.
Réveillez-vous! 22 Ruhuh.
“Mu bihe vya kera, Imana yategetse abana kwubaha ba se na ba nyina. [Soma Kuvayo 20:12.] Ku bwawe none, ubona ba inabibondo bubahwa nk’uko bibereye koko muri iki gihe? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingorane zitoroshe ba inabibondo bo mu bihugu bitandukanye bariko barahura na zo be n’ukuntu bariko barazifatamwo”.