Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Ibimenyeshejwe: Igikorwa dukorera Ubwami kizoba kirimwo urutonde rw’Ikoraniro ry’umurimo ry’indwi imwimwe yose yo mu mezi aberamwo ihwaniro. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye uko bikenewe kugira ngo bifashe kwitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Kugamburuka gushimwa n’Imana”. Aho bibereye, nimufate iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’umurimo rya nyuma imbere y’uko mwitaba ihwaniro, kugira musubiremwo impanuro be n’ivyibukijwe vyatanzwe mu nyongera y’uku kwezi, bishobora gukora aho iwanyu. Haciye ukwezi canke abiri ihwaniro rirangiye, murategekanye iminuta iva kuri 15 gushika kuri 20 kw’Ikoraniro ry’umurimo (kumbure mukoreshe igice cagenewe ibikenewe iwacu) kugira musubiremwo ivyiyumviro bikurubikuru vy’ihwaniro abamamaji babonye ko ari ngirakamaro mu busuku bwo mu ndimiro. Mu kwitegurira ico kiganiro, twese turashobora kwandika ivyiyumviro ngirakamaro kuri iryo hwaniro, harimwo n’urutonde rw’ivyiyumviro binaka twipfuza gushira mu ngiro mu busuku bwo mu ndimiro. Ico gice kidasanzwe c’Ikoraniro ry’umurimo kizoduha akaryo ko gusigura ukuntu turiko turakoresha ivyo twize kw’ihwaniro n’ako kuvuga ukuntu ivyo vyadufashije gutuma ubusuku bwacu burushiriza kuba ngirakamaro. Bizoba ari ibintu vyubaka kwumva ukuntu hari abakoresheje neza inyigisho twaronkeye kw’ihwaniro maze ivyo biremeshe abandi gukurikiza impanuro be n’inama zashikirijwe muri porogarama y’ihwaniro.
Indwi itangura ku wa 13 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama zatanzwe ku rupapuro rwa 6 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwe muri iyo myerekano, nimwerekane ingene hoshikirizwa ikinyamakuru akaryo kizanye.
Imin. 15: Nufashe abandi bacike abamamaji batarabatizwa. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku gitabu Twagizwe Ishirahamwe ngo Dushitse Ubusuku Bwacu, urupapuro rwa 99-101. Nimuganire ku vy’intunganyo yo kuraba nimba umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa vyo mu Vyanditswe bituma yifatanya n’ishengero mu gikorwa co mu ndimiro. Mu ndwi iza, tuzokwihweza ukuntu dushobora kumenyereza abatohoji ba Bibiliya kuba abakwije ibisabwa ngo babe abamamaji batarabatizwa kugira baje mu busuku bwo mu ndimiro.
Imin. 20: “Ukwamamaza kuradufasha kwihangana”.a Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo nimba umwanya ubikunze.
Ururirimbo rwa 149 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 20 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimusubiremwo ivyiyumviro nyamukuru vyo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 2003, urupapuro rwa 4. Nusigure ukuntu abamamaji bashobora kuronka ibitabu vyo mu rurimi runyamahanga. Nimuganire ku kuntu ayo makuru yerekeye icibare c’iwanyu. Ibitabu ivyo ari vyo vyose vyo mu rurimi runyamahanga bikwiye gusabwa bicishijwe ku wujejwe ibitabu, naho koba ari akantu kamwe, kugira ngo ibitabu bikenewe bishobore kuboneka bitarinze guteba atari ngombwa.
Imin. 15: Ijambo ry’Imana rifise ububasha (Heb. 4:12). Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2003, urupapuro rwa 11, ingingo ya 13-17. Niwigane ivyabonywe vyerekana ukuntu inyigisho zo muri Bibiliya zishobora kuvyurira abantu umutima wo kugira amahinduka mu buzima bwabo (w00 1/1 rup. 3-5). Nuremeshe bose gukoresha neza Bibiliya mu mice yose y’ubusuku.
Imin. 20: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 10”.b Nushiremwo umwerekano w’abariko baragira umwimenyerezo. Igihe umutohoji asubiramwo uburyo bwo gushikiriza ikiyago, uwumurongorera inyigisho, akaba ari na we akina nk’aho umuntu amusanze ku muhana, navuge amajambo abantu bakunda kuvuga iyo bavyanse, maze igihe umutohoji abuze ico avuga, uwo amurongorera inyigisho ace amusigurira uko yovyifatamwo. Ikindi kandi, nutegekanye imbere y’igihe umuntu umwe canke babiri, bavuge ukuntu bamenyerejwe igihe batangura kuja mu busuku bw’inzu ku nzu.
Ururirimbo rwa 208 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 27 Ruheshi
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo y’ukwezi kwa Ruheshi. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’amakete yo gukenguruka intererano zatanzwe. Nimukoreshe inama tugirwa ku rupapuro rwa 6 (niba zibereye mu cibare canyu), mugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama canke Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Inyuma y’uwo mwerekano, nusubiremwo amajambo yo gutanguza ikiyago yakoreshejwe kugira uwo basanze ku muhana ashimishwe.
Imin. 30: “Shemeza Yehova mw’ishengero rinini”. Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero. Nuvuge ihwaniro ishengero ryanyu risabwa kuzokwitaba. Nimurimbure izo ngingo ziriko ibitigiri nka kurya bigenda ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ingingo zisomwe n’umusomyi yatowe. Nimusubiremwo uruzitiro ruvuga ngo “Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara”.
Ururirimbo rwa 196 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 4 Mukakaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Woba uriko urungukira ku rutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango? Nusubiremwo inama zatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2005, maze usabe abumviriza bagire ico bavuze ku bijanye n’utwigoro bagize kugira bashire mu ngiro izo nama, bavuge n’ivyiza baronse mu kubigira.
Imin. 20: “Gushinga intahe mu buryo buvamwo ivyiza mu bibanza bihuriramwo abantu benshi”.c Niwerekane ukuntu vyoshirwa mu ngiro aho iwanyu. Niwibutse abamamaji gukoresha ka gakaratasi ko kwuzuza kavuga ngo Turabinginze muringanize ivy’uko umwamamaji abishoboye agendera uyu muntu (S-70) igihe bibereye.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2005, rup. 6.
Ururirimbo rwa 120 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.