ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/05 rup. 7
  • Nufashe abana bawe gutera imbere mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abana bawe gutera imbere mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Nimwigishe abana banyu gushemeza Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 7/05 rup. 7

Nufashe abana bawe gutera imbere mu busuku

1 Abavyeyi bakirisu barafise ibanga rikomeye ryo kumenyereza abana babo kugira uruhara mu busuku kuva bakiri bato. Ivyo bashobora kubishikako mu buryo bwinshi. Abana bamwebamwe barashobora gusubiramwo ku mutwe icanditswe ca Bibiliya kibereye n’imbere yuko bamenya gusoma. Ivyo birashobora gukora ku mutima cane abumviriza. Abana bamaze gukura barashobora kurushiriza gukora vyinshi mu busuku. None ga bavyeyi, mushobora gute gufasha abana banyu kugira uruhara mu gushinga intahe? Kumbure inama zikurikira tubagiriye zizobafasha.

2 Umaze kuramutsa umuntu, woshobora kuvuga uti:

◼ “Uyu muhungu wanje, [vuga izina ryiwe], arafise icanditswe ngirakamaro yashaka kukumenyesha”. Umwana wawe yoshobora kuvuga ati: “Iki canditswe co muri Yesaya caranyigishije izina ry’Imana iryo ari ryo. [Uwo mwana yoshobora gusoma canke gusubiramwo ku mutwe Yesaya 12:2.] Ibi binyamakuru biravuga ivyekeye ico Yehova Imana azodukorera. Ubona nobigusigira”? Woshobora gusozera ico kiganiro mu gusigura ingene igikorwa kirangurirwa kw’isi yose gishigikirwa.

3 Canke woshobora kugerageza ubu buryo:

◼ “Ndakuramukije. Ndiko ndamenyereza uyu mukobwa wanje [vuga izina ryiwe], ingene yokwitwararika abandi bantu bo mu kibano. Yashaka kuyaga nawe ku butumwa bugufi bwo muri Bibiliya”. Yoshobora guca avuga ati: “Uburyo bumwe nshaka gufasha abantu, ni mu gusangira na bo icizigiro ca Bibiliya cerekeye kazoza. [Uwo mwana nasome canke asubiremwo ku mutwe Ivyahishuriwe 21:4.] Ibi binyamakuru birasigura ico Ubwami bw’Imana buzodukorera. Ndizigiye ko uzoshima kubisoma”.

4 Igihe abana bama bakoresha uburyo bworoheje bwo gushikiriza ubutumwa, bituma bashira umutima mu nda igihe bashikiriza ubutumwa bw’Ubwami. Imyimenyerezo yibanda ku bijanye no kuvuga ibitomoye be no gukoresha urugero rw’ijwi rubereye, izobafasha bashobore kuvuga neza mu bihe bitandukanye. Kwitegura neza imbere y’igihe be no kubakeza bivuye ku mutima, bizofasha abana guserura ukwizera kwabo.

5 Igihe abana benshi baremeshejwe gutyo, boshobora gukwiza ibisabwa bagacika abamamaji batarabatizwa. Ese ukuntu uzoba umunezero kubona abana bacu bariko baratera imbere mu busuku bwa gikirisu!—Zab. 148:12, 13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika