Dushikire abantu benshi bashoboka
1. Abakirisu bo mu ntango bakoze iki kugira ngo bashobore gushikira abantu benshi bashoboka?
1 Abayoboke ba Yezu bo mu ntango, bararonderana ubwira ingene bokwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Barakoresha uburyo ngirakamaro butuma inkuru nziza ishikira abantu benshi bashoboka. Abanditsi ba Bibiliya b’abakirisu banditse ibisomwa vyabo vyahumetswe mu kigiriki gisanzwe, urwo na rwo rukaba ari rwo rurimi rwakoreshwa hose mu Nganji nganzabami y’Abaroma. Ikindi kandi, abamamaji b’abanyamwete bo guhera mu kinjana ca kabiri no mu ca gatatu G.C., bashobora kuba ari bo batanguye gukoresha cane ubwoko bw’ibitabu vyandikishwa iminwe vyitwa codex, ivyo bikaba vyari vyoroshe gukoresha kuruta ibizingo, mu bijanye no kurondera aho igisomwa kanaka giherereye.
2, 3. (a) Muri Yesaha 60:16 hariko haranguka gute mu bihe vya none? (b) Ubuhinga buriko bukoreshwa gute mu bijanye no guteza imbere ugusenga gutyoroye?
2 Ikoreshwa ry’Ubuhinga: Biciye ku muhanuzi Yesaya, Yehova yavuze imbere y’igihe ati: “Uzokwonka amaberebere y’amahanga” (Yes. 60:16). Mu buryo bushitsa ubwo buhanuzi muri kino gihe, abasuku ba Yehova bariko barakoresha ubutunzi bw’agaciro buvuye ku mahanga kugira ngo bateze imbere igikorwa co kwamamaza. Nk’akarorero, mu 1914, imyaka itari mike imbere y’uko amasenema atangura gukoreshwa cane mu bucuruzi, abatohoji ba Bibiliya baratanguye kwerekana “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema” (mu congereza). Ayo masenema hamwe n’amadiyapositive yamara amasaha umunani, ivyo vyuma bikaba vyerekana ibintu mu mabara kandi bigasohora amajwi, vyarashinze intahe ikomeye ku bantu amamiliyoni.
3 Muri iki gihe, abasavyi b’Imana barakoresha ivyuma vyo gucapura binyarutsa buravyo be n’ibikoresho bikorana na orodinateri kugira ngo basohore Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi amajana. Uburyo bunyaruka bwo gutwara ibintu, burashikana ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu mihingo ya kure y’isi, bigashikira abantu bo mu bihugu 235. Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova yaravyuriye abasavyi biwe umutima wo gukoresha ubuhinga nk’ubwo mu buryo ngirakamaro, bituma ukuri kwa Bibiliya gushikira abantu benshi kuruta ikindi gihe cose.
4. Ni ibintu ibihe bamwebamwe bahinduye mu buzima bwabo kugira ngo bashikire abantu benshi kuruta babashiriye inkuru nziza?
4 Ivyo abantu bahinduye ku giti cabo: Abasavyi b’Imana b’ukuri na bo nyene baravyuriwe umutima wo guhindura ibintu umwe wese ku giti ciwe, kugira ngo bashikire abantu benshi kuruta babazaniye inkuru nziza. Abatari bake baroroheje ubuzima bwabo kugira ngo barushirize kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Bamwebamwe baravyuriwe umutima wo kuja gukorera ahakeneye abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Abandi na bo baraguye ubusuku bwabo mu kwiga ururimi rw’urunyamahanga.
5, 6. Dushobora gukora iki kugira ngo dushikire abantu benshi bashoboka mu cibare twakebewe?
5 Vyongeye dushobora gushikira abantu benshi kuruta tubashiriye inkuru nziza, mu kwamamaza mu bihe abantu baba bari i muhira be no mu bibanza abantu bashobora kubonekamwo. Nimba mu cibare wakebewe abantu badakunda kuba bari i muhira ku mutaga, woba wohindura urutonde rwawe kugira ngo wamamaze mu masaha yo ku mugoroba? Hoba hariho ibibanza bihuriramwo abantu benshi ushobora kwamamazamwo? Woba waragerageje gushinga intahe ukoresheje telefone be no kwamamaza mu turere tuberamwo ubucuruzi? Woba urondera uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye?
6 Ese ukuntu dufise agateka ko kugira uruhara mu gikorwa kiriko kirakorwa co gushinga intahe ihambaye ku bijanye n’izina rya Yehova be n’Ubwami bwiwe! Nimuze tubandanye kumenyesha abandi ukuri gutanga ubuzima kuva mw’Ijambo ry’Imana, tukakumenyesha abantu benshi bishoboka.—Mat. 28:19, 20.