Inama tugirwa z’ukuntu twoshikiriza agatabu Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?
Umaze kuvuga ikintu cabaye c’agacavutu, wogira uti:
“Woba umaze kwibaza uti: ‘Nimba vy’ukuri Imana itubabaye ni kubera iki ireka abantu bagacumukura’? [Rindira yishure.] Aka gatabu karatanga inyishu ishimishije kuri ico kibazo, kakongera kakerekana ico Imana izokora muri kazoza katari kure. [Niwerekane amashusho ari ku rupapuro rwa 27, uce usoma amajambo ya Zaburi 145:16 ari mu ngingo ya 22.] Imana izokuraho gute imibabaro yose yagiye irashikira abantu? Nipfuza yuko ico kibazo twocihweza ngarutse kukuraba”. Numusabe kwakira ako gatabu, maze muhane isango ry’aho uzogarukira.
Ugarutse, woshobora kuvuga uti:
“Igihe mperuka kukugendera, twarasomye iki canditswe. [Soma canke usubiremwo ibiri muri Zaburi 145:16.] Naciye mvyura iki kibazo nti: ‘Imana izokuraho gute imibabaro ishikira abantu?’ ”. Numusabe kuzana ka gatabu kiwe, uce uzingurura ku rupapuro rwa 27-28, maze mwihweze ingingo ya 23-25. Numusabe ko mwokwigana Bibiliya, canke muvugane ukuntu ugarutse kumuraba mwokwihweza ingingo ya 26-27.
Umwamamaji w’umuyabaga yoshobora kuvuga ati:
“Abantu benshi bo mu runganwe rwanje bararajwe ishinga n’ivyerekeye uko isi izoba yifashe mu myaka 10 canke 15 iri imbere. Wewe wibaza ko isi izoba yifashe gute ico gihe? [Nurindire yishure.] Ingorane tubona muri kino gihe zerekana ko turi mu misi y’iherezo. [Soma 2 Timoteyo 3:1-3.] Aka gatabu karatanga inyishu ku bibazo bikurikira. [Soma ibibazo biri ku gipfukisho, uce umuha ako gatabu.] Igihe nzogaruka, niwaba ufise utunuta dukeyi, nzoshima ko dusangira iciyumviro kiremesha ku bijanye n’iherezo ry’indwara be n’ubusaza”. Nimuhane isango ry’aho uzogarukira.
Ugarutse, woshobora kuvuga uti:
“Igihe twaheruka kuyaga, naravuze ko nipfuza ko dusangira iciyumviro ku bijanye n’iherezo ry’indwara n’ubusaza. Ico ciyumviro tugisanga aha”. Numusabe kwakira ka gatabu kiwe maze musome mwongere muyage ku ngingo ya 6-7 ku rupapuro rwa 23-24. Nimuvugane ukuntu mwokwihweza ingingo ya 8-9 ugarutse kumuraba.
Igihe umuntu akuze ariko akorana n’umwana, uwo akuze yoshobora kwidondora akadondora n’uwo mwana hanyuma akavuga ati:
“Nka hamwe woba ubikunze, hari icanditswe ________________________________________ yipfuza kugusomera. [Uwo mwana nasome Zaburi 37:29 maze agire ico ahavuzeko muri make.] Aka gatabu karavuga ukuntu Imana izoshitsa umugambi ifitiye abantu be n’isi. [Niwerekane amashusho ari ku rupapuro rwa 24-27.] Nitwagaruka, nzoshima kukwereka umuhango mwiza igitangaza Bibiliya itanga werekeye izuka”. Nimumusabe kwakira ako gatabu maze muhane isango ry’aho muzogarukira.
Mugarutse, uwukuze yoshobora kuvuga ati:
“Igihe naheruka kukugendera, twarasomye Zaburi 37:29, maze ndavuga ko noshima kuzokwereka ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye izuka. Raba ibivugwa ngaha”. Numusabe kuzana agatabu kiwe maze mwihweze ingingo ya 12-14 ku rupapuro rwa 24-25. Numusabe ko mwokwigana Bibiliya canke muvugane ukuntu mwokwihweza ingingo ya 15-16 mugarutse kumuraba.