Inama tugirwa z’ukuntu twoshikiriza gatabu Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?
Umaze kuramutsa uwo usanze ku muhana, woshobora kuvuga uti:
“Ubuzima muri kino gihe ntibuburamwo ingorane be n’ukuvunika umutima. Wibaza ko vyari vyateguwe yuko ubuzima bumera ukwo? [Rindira yishure.] Aka gatabu karerekana ko umugambi Imana yari ifitiye abantu be n’isi mu ntango, uzoteba ukaranguka. [Nimuganire kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 20-21, uce usoma ingingo ya 9 ishimika kuri Yesaya 14:24 na 46:11.] Ninagaruka, nipfuza kuzokwereka aho Bibiliya ivuga ivyerekeye ukuntu Imana izohindura isi igasubira kuba Iparadizo”. Numusabe kwakira ako gatabu maze muhane isango ry’aho uzogarukira.
Ugarutse, woshobora kuvuga uti:
“Ubushize naravuze ivy’uko Imana ifise umugambi w’uko abantu babaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. [Niwongere umwereke ishusho iri ku rupapuro rwa 20-21.] Raba ukuntu Yezu, Petero be na Dawidi bose bavuze ivy’Iparadizo”. Numusabe azane aka gatabu kiwe, maze muzingurure ku rupapuro rwa 21-22, hanyuma mwihweze ingingo ya 10-13. Numusabe ko mwokwigana Bibiliya canke muvugane ukuntu ugarutse kumugendera mwokwihweza kamwe mu dutwe dutoyi turi ku rupapuro rwa 29-30.
Umwamamaji w’umuyabaga yoshobora kuvuga ati:
“Abantu benshi bo mu runganwe rwanje ntibazi ico kazoza kababikiye. Wewe woba wibaza ko ubuzima buzogira akarusho kw’iyaruka rikurikira? [Rindira yishure.] Bibiliya iravuga ivya kazoza keza ku bantu bose. [Nuzingurure kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 31 rw’ako gatabu, maze usome amajambo asigura iyo shusho, uce usoma 2 Petero 3:13.] Aka gatabu karatanga amakuru ku vyerekeye imihezagiro Imana ibikiye abantu. [Nushimike ku dutwe dutoyi turi mu ndome zizize turi ku rupapuro rwa 29-30, uce umushikiriza ako gatabu.] Noshima kwongera kukugendera maze tukarabira hamwe umuhango Imana itanga wo kuzohagarika intambara zose ubutagisubira”. Nimuhane isango ry’aho uzogarukira.
Ugarutse, woshobora kuvuga uti:
“Igihe mperuka kukugendera, naravuze muri make ivyerekeye umugambi Imana ifise wo kuzohindura isi igasubira kuba iparadizo. [Niwongere kwerekana ishusho iri ku rupapuro rwa 31.] Noshima kumenya ico wibaza ku bijanye n’umuhango Imana itanga wo kuzohagarikira intambara zose ubutagisubira”. Numusabe kuzana aka gatabu kiwe, maze musome mwongere muganire ku ngingo ya 3-6 ku rupapuro rwa 29. Nimuvugane ingene mwokwihweza ingingo ya 7-8 ugarutse kumugendera.
Igihe umuntu akuze ariko akorana n’umwana, uwo akuze yokwidondora akongera akadondora n’uwo mwana hanyuma akavuga ati:
“Nka hamwe woba ubishimye, ________________________________________ yipfuza kukwereka ishusho imwe no kugusomera icanditswe kimwe co muri Bibiliya. [Uwo mwana niyerekane iyo shusho ace asoma amajambo ayisigura ku rupapuro rwa 31 hanyuma ace asoma mu Vyahishuriwe 21:4.] Aka gatabu karasigura ico Imana izokora ku bijanye n’ingorane zidushikira muri kino gihe. [Niwerekane gatoyi udutwe dutoyi turi mu ndome zizize turi ku rupapuro rwa 29-30, hanyuma ushikirize ako gatabu.] Nitwagaruka, nzoshima kukwereka ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene ingorane zose z’amagara zizorangira”.
Bagarutse, uwo akuze yoshobora kuvuga ati:
“Mu kiyago twagiraniye ubushize, naravuze ko nipfuza kukwereka ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene ingorane zose z’amagara zizorangira. Raba ibivugwa ngaha”. Numusabe kuzana ka gatabu kiwe maze mwihweze ingingo ya 9-14 ku rupapuro rwa 29. Numusabe ko mwokwigana Bibiliya canke muvugane ukuntu mugarutse kumugendera mwokwihweza ingingo ya 15-17.