ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/05 rup. 1
  • Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangere
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Nuhe agaciro agateka watewe ko kwamamaza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Twabikijwe ubutunzi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Turaha agaciro uduteka twatewe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Nuhimbarwe n’agateka ufise ko gukorana na Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 8/05 rup. 1

Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangere

1 Ku musi ku musi, abantu amamiliyaridi baba kw’isi barungukira ku bintu umuyoro Yehova atanga kugira bibungabunge ubuzima (Mat. 5:45). Ariko rero, abari ku rushi ni bo bafise agateka kadasanzwe ko gukengurukira Umuremyi wabo mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Mat. 24:14). Ako gateka ntangere ugaha agaciro kangana iki?

2 Ukwamamaza Ubwami biratera iteka Imana kandi biratuma abantu batuntujwe n’ibi bihe bidurumbanye bagira icizigiro be n’amahoro (Heb. 13:15). Abakira ubwo butumwa bararonka icizigiro c’ubuzima budahera (Yoh. 17:3). Hari uwundi mwuga canke akandi kazi kozana ivyiza nk’ivyo? Intumwa Paulo yarerekanye ko akenguruka ubusuku mu kuntu yaburanguye. Yabubona nk’ubutunzi.—Ivyak. 20:20, 21, 24; 2 Kor. 4:1, 7.

3 Duhe agaciro ako gateka ntangere twatewe: Uburyo bumwe twerekana ko dukenguruka agateka twatewe ko kwamamaza, ni mu kwitwararika ukuntu umurimo turangura umeze. Twoba dufata akanya ko gutegura uburyo bwo gushikiriza ikiganiro bukora ku mutima abatwumviriza? Twoba dushobora kuryohora ubuhanga bwacu bwo gukoresha Ivyanditswe no gufasha abantu kuzirikana? Twoba dukorera mu cibare cacu mu buryo bunogangije? Twoba dushobora gutanguza inyigisho ya Bibiliya no kuyirongora? Nka kumwe kw’abakirisu b’intahemuka, baba aba kera canke abo muri iki gihe, ukubona mu buryo bwiza ico gikorwa kuratuvyurira umutima wo kugikora kandi turaha agaciro ako gateka twatewe.—Mat. 25:14-23.

4 Kumenya yuko utwigoro tugira mu busuku dushimwa cane, biraduhumuriza igihe turiko turanyinyana n’ingorane zituruka ku busaza, ku magara make canke ku bindi bintu bitoroshe. Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko Yehova ashima utwigoro nk’utwo ugira mu kumusukurira, naho nyene twoba dusa n’utudahambaye ku bandi.—Luka 21:1-4.

5 Ukwamamaza Ubwami ni isôko ry’umunezero mwinshi. Hari umuvukanyikazi w’imyaka 92 yavuze ati: “Ese ukuntu numva nezerewe iyo nsubije amaso inyuma mu myaka irenga 80 iheze nkorera Imana! Emwe, sinicuza! Iyo biba vyashoboka ko nongera gutangura ubuzima, nohisemwo kubaho nk’ukwo nyene kubera ko vy’ukuri ‘ubuntu-mvarukundo bw’Imana bundutira ubuzima’ ” (Zab. 63:3, NW). Ese natwe twoha agaciro ako gateka ntangere twatewe n’Imana, na ko kakaba ari igikorwa co kwamamaza Ubwami!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika