Igice ca 12: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Gufasha abatohoji gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya
1 Igihe abo twigana Bibiliya batanguye kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, iciyumviro co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya coshobora kubahagarika umutima. Twobafasha gute kubona neza uwo muce uhambaye w’ubusuku bwacu?—Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Iyo umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, ashobora kuba amaze kuja mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Ukumenyerezwa aronka mu gutegura no mu gushikiriza ibigabu umunyeshure ahabwa, kuzomufasha gutsimbataza ubuhanga bwo kwigisha bukenewe ku “mukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.—2 Tim. 2:15.
3 Niwigishe biciye ku karorero utanga: Yezu yaramenyereje abigishwa biwe mu kubaha inyigisho zitomoye no mu kubaha akarorero keza. Yavuze ati: “Umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe” (Luka 6:40). Birahambaye ko wigana Yezu mu gutanga akarorero keza mu busuku urangura. Uko uwo mwigana Bibiliya yibonera akarorero utanga mu busuku, ni ko azotahura ko intumbero yo gusubira kugendera abo twayaze ari iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
4 Numusigurire ko iyo dusavye umuntu ngo twigane Bibiliya, bitama biba ngombwa ko tuvuga ido n’ido ukuntu inyigisho igirwa. Akenshi birarushiriza kuba vyiza kwerekana ukuntu inyigisho igenda mu gukoresha ingingo imwe canke kumbure zibiri zo mu gitabu dukoresha mu kurongora inyigisho. Inama ngirakimazi z’ukuntu ivyo twobigira twoshobora kuzisanga ku rupapuro rwa 8 rw’iki Gikorwa dukorera Ubwami be no ku rupapuro rwa 6 rw’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002.
5 Igihe ubona ko bibereye, nusabe uwo mutohoji ko mwojana ku zindi nyigisho za Bibiliya canke ko yojana n’uwundi mwamamaji azi utuntu n’utundi. Yoshobora kugira ico avuze ku ngingo canke ku canditswe nyamukuru. Gutyo, igihe uwo mutohoji yihweza, azomenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu inyigisho za Bibiliya zitera imbere zirongorwa (Imig. 27:17; 2 Tim. 2:2). Numukeze mwongere muganire ukuntu yoryohora ibintu.
6 Ukumenyereza abamamaji bashasha kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana bizobafasha kuronka ivyangombwa bituma bakora “igikorwa ciza” co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya bo ubwabo (2 Tim. 3:17). Urazi ukuntu biryoshe gukorana na bo mu gushikiriza ubu butumire bwuzuye urukundo bugira buti: “Ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu”!—Ivyah. 22:17.