Dukoreshe umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi
1 Icipfuzo dufise co guhimbara Yehova kiratuvyurira umutima wo gushingira ubuzima bwacu ku bikorwa vyo mu vy’impwemu. Ijambo ryiwe riratwigisha ‘kubandanya kwitwaririka ubwami’ be no “[ku]menya neza ibintu bihambaye kuruta” (Mat. 6:33; Flp. 1:10, NW). Twocungura gute umwanya ngo twitwararike ivy’Ubwami kandi twogumiza gute ibikorwa bidahambaye mu kibanza cavyo?—Ef. 5:15-17.
2 Dushire ibikorwa vy’Ubwami mu kibanza ca mbere: Nugire urutonde rw’ingene ukoresha umwanya wawe ku buryo uwo mwanya utawuta ku bikorwa bidahambaye. Bamwebamwe bama mu ntango z’ukwezi bategekanya ku kirangamisi cabo umwanya ntabanduka wo kuja mu busuku bwo mu ndimiro. Ico gihe bariyubara kugira ntibareke ngo hagire ibindi bintu bibaciramwo. Turashobora kubigenza gutyo nyene mu bijanye no kwicungurira umwanya w’amakoraniro, uwo kwiyigisha be n’uwo kwitaba amahwaniro. Benshi barishiriyeho urutonde rwo kwama batangura umusi canke bawusozera mu gusoma Bibiliya. Nutegekanye neza umwanya ntabanduka w’igikorwa cose gihambaye, kandi ntureke ngo ibindi bintu biguciremwo bidakenewe.—Umus. 3:1; 1 Kor. 14:40.
3 Ntidukoreshe ivy’isi cane: Mu bihugu bimwebimwe, abantu barashobora bitagoranye kuronka uturyo two kwinonora imitsi, kwinezereza, kwiruhura, kwisamaza, no kwirukanga mu bindi bintu. Benshi baramara umwanya munini cane baraba televiziyo canke bakoresha orodinateri. Ariko rero, gutwarwa n’ibikorwa vyo kwidagadura be n’udukoresho dushasha dukozwe ku buhinga bwa none iyi si itanga, nta nkeka ko ata co bishikanako (1 Yoh. 2:15-17). Ni co gituma Ivyanditswe biduhimiriza kudakoresha ivy’isi cane (1 Kor. 7:31). Ushize mu ngiro iyo mpanuro iranga ubukerebutsi, urashobora kwereka Yehova ko ukumusenga ari vyo biri mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe.—Mat. 6:19-21.
4 Igihe gisigaye c’uru runkwekwe, kigiye kurangira. Abashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere bazohimbarwa bongere bemerwe n’Imana (Imig. 8:32-35; Yak. 1:25). Nimuze rero dukoreshe umwanya wacu w’agaciro mu buryo buranga ubukerebutsi.