Amatangazo
◼ Nyakanga: Ibitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ka gatabu k’impapuro 32 kavuga ngo Mwame mugavye! canke ikindi gitabu ca kera cose ishengero rifise mu bubiko, birashobora gushikirizwa. Gitugutu: Muri ukwo kwezi kwose hazoshikirizwa Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, turabasavye mubashikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, maze musubire kubagendera mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko badafise abana, nimubashikirize igitabu Ubumenyi canke ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?. Kigarama: Nimushikirize igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, nimba biriho mu bubiko bw’ishengero.
◼ Abitavye Ishure rimenyereza abasuku rigira 16 ryabereye muri Kenya baronse impapuro z’umutsindo ku wa 29 Rusama 2005. Vyararemesha kwumva hariho amajambo yo gukenguruka ku bw’ivyo vyigwa yavuzwe n’abanyeshure bari bitavye iryo shure baje bava muri Etiyopiya, muri Kenya, muri Sudani, muri Tanzaniya no muri Uganda. Abavukanyi b’abirebange bafise imyaka iri hagati ya 23 na 50 bipfuza kwitaba iryo shure, barashobora kumenya vyinshi ku vyerekeye iryo shure bitavye inama igirwa n’umucungezi w’intara igihe c’iteraniro ry’umuzunguruko. Abo bavukanyi bakwiye kuba bamaze n’imiburiburi imyaka 2 basukura ari abakozi b’ishengero canke bakaba basukura ari abakurambere. Ishure rimenyereza abasuku muri Kenya rigirwa mu congereza. Abasaba kuryitaba bakwiye kuba bazi neza icongereza kugira ngo bungukire kuri ivyo vyigwa.
◼ Ibiro vy’ishami si vyo vyuzuza urukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro bisabwa n’umwamamaji umwumwe ukwiwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo rishikirizwa ku kwezi ku kwezi imbere y’uko urwo rukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi rurungikwa ku biro, kugira ngo abipfuza kuronka ibisohokayandikiro ku gatwe kabo bose bashobore kwegera umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.
◼ Abakurambere baribukijwe gukurikiza inama zatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, ku rupapuro rwa 20-22 ku vyerekeye abantu abo ari bose baciwe canke biyonjoroye boba bashaka kugarukanwa.
◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2006 izoshikirizwa ku w’iyinga igenekerezo rya 30 Ndamukiza. Umutwe w’iyo nsiguro uzotangazwa mu gihe kiza. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku musi w’iyinga igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2006.
◼ Kubera ko ukwezi kwa Gitugutu kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu zuzuye, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Mu mwaka w’umurimo wa 2006, abo bose bazoba bariko bakora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi umucungezi w’umuzunguruko azoba agendeye ishengero, baremerewe kuzokwitaba igice ca mbere c’inama umucungezi w’umuzunguruko agirana n’abatsimvyi mu ndwi aba agendeye ishengero. Abo bose bashobora gukora ubwo butsimvyi baremeshejwe kwungukira kuri iyo ntunganyo idasanzwe.
◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba imbube z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! z’umwaka wa 2005 be n’akadisiki gakoranirijwemwo ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe ko mu mwaka wa 2005 (Watchtower Library—2005 Edition on CD-ROM), ku nkaratasi zo gusabirako ibisohokayandikiro yimirije kurungika. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo muzorubona mw’“Itangazo ku mashengero yose”, rirungikirwa amashengero yose uko ukwezi gutashe. Muramenya ko ako kadisiki karonswa ababatijwe bo mw’ishengero kandi ko kaboneka gusa biciye kw’ishengero.