Dufashe abandi babe “abagamburuka bivuye ku mitima”
1. Yehova asaba iki abamusenga?
1 Ukugamburuka ni ntahara mu gusenga Yehova mu buryo ashima (Gus. 12:28; 1 Pet. 1:14-16). Imana igiye gukubita intahe mu gahanga “abatā[yi]menye . . . n’abatumvira [canke “abatagamburuka”, NW] ubutumwa bgiza” (2 Tes. 1:8). Dushobora gute gufasha abandi kugira ngo babe “abagamburuka bivuye ku mutima” inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana?—Rom. 6:17, NW.
2. Ni kubera iki bihambaye ko dufasha abandi ngo bakomeze ukwizera?
2 Mu gukomeza ukwizera n’urukundo: Mu Vyanditswe, ukugamburuka kurafitaniye isano cane n’ukwizera. Intumwa Paulo yaravuze ivyo ‘Imana ihoraho yageze, kugira ngo abantu bagamburuke babiheshejwe n’ukwizera’ (Rom. 16:26). Mu Baheburayo ikigabane ca 11 haradondagura uburorero bwinshi bw’abantu bagaragaje ukwizera, bwinshi muri ubwo burorero bukaba ari ubw’abantu bakoze mu buryo buhuza n’ukugomba kwa Yehova kwagaragajwe (Heb. 11:7, 8, 17). Ku rundi ruhande, ukugambarara gufitaniye isano n’ukubura ukwizera (Yoh. 3:36; Heb. 3:18, 19). Turakeneye gutsimbataza ubuhanga mu vyo gukoresha Ijambo ry’Imana kugira dufashe abandi bakomeze ukwizera gutuma umuntu agamburuka.—2 Tim. 2:15; Yak. 2:14, 17.
3. (a) Ukugamburuka gufitaniye isano gute n’urukundo? (b) Twoshobora gute gufasha abatohoji ba Bibiliya gukomeza urukundo bakunda Yehova?
3 Ukugamburuka kandi kurafitaniye isano n’urukundo dukunda Imana (Gus. 5:10; 11:1, 22; 30:16). Muri 1 Yohana 5:3, hagira hati: ‘Ugukunda Imana ni uku, ni uko twitondera ivyagezwe vyayo: kandi ivyagezwe vyayo ntibigora’. Dushobora gute gufasha abatohoji ba Bibiliya kugira bakomeze urukundo bakunda Yehova? Mu gihe c’inyigisho, nurondere uturyo two kubafasha kurushiriza gukenguruka kamere za Yehova. Niwerekane ubwawe yuko ukengurukira Imana bivuye ku mutima. Nufashe umutohoji kuzirikana ku bijanye n’ugutsimbataza ubucuti afitaniye na Yehova. Ikiruta vyose, urukundo bakunda Yehova ruzotuma abandi, na twebwe turimwo, bamugamburukira bivuye ku mutima.—Mat. 22:37.
4. (a) Ni kubera iki akarorero dutanga gahambaye? (b) Ni igiki dutegerezwa gukora kugira dutsimbataze “umutima ugamburuka”?
4 Biciye ku karorero dutanga: Akarorero dutanga ni bwo buryo bukomeye dushobora gukoresha kugira turemeshe abandi ngo bagamburuke inkuru nziza. Ariko rero, turasabwa kuguma tugira akigoro ngo dutsimbataze “umutima ugamburuka” (1 Abm. 3:9, NW; Imig. 4:23). Ivyo none bisaba iki? Bisaba ko ugaburira umutima wawe mu kwiga Bibiliya udahorereza be no mu kwitaba amakoraniro udahorereza (Zab. 1:1, 2; Heb. 10:24, 25). Nurondere kwifatanya n’abantu bahuje inama mu gusenga kw’ukuri (Imig. 13:20). Nuje mu murimo wo mu ndimiro udahorereza, ufise icipfuzo kivuye ku mutima co gufasha abantu bo mu cibare cawe. Nusenge Yehova umusaba imfashanyo kugira akuyobore mu bijanye no gutsimbataza umutima mwiza (Zab. 86:11). Niwirinde ibintu vyokwonona umutima wawe, nk’ukwinezereza kurimwo ubushegabo canke ubukazi. Nukurikirane ibintu bituma urushiriza kwiyegereza Imana kandi bikomeza ubucuti ufitaniye na yo.—Yak. 4:7, 8.
5. Abagamburuka bariko bahezagirwa gute?
5 Yehova yarakuye amazinda abasavyi biwe ba kera ko imihezagiro yobacuncubukiyeko baramutse bumvirije ijwi ryiwe (Gus. 28:1, 2). Nk’ukwo nyene muri iki gihe, Yehova arahezagira cane ‘abamugamburukira’ (Ivyak. 5:32). Nimuze rero dufashe abandi babe abagamburuka bivuye ku mutima biciye ku nyigisho be no ku karorero dutanga.