Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe
1 Intumwa Paulo yaratanze akarorero keza mu kwama ahuza inkuru nziza yashikiriza n’ingene abamwumviriza bakuze be n’ivyiyumviro vyabo (1 Kor. 9:19-23). Na twebwe dukwiye kwihatira kubigenza gutyo. Tubanje kuzirikana gatoyi imbere y’igihe, uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa gukoresha dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami, akenshi turashobora kubuhuza n’ivyo abo mu cibare cacu bakeneye. Nko mu gihe dushitse ku rugo rw’umuntu, twoshobora kubona ibintu vyerekana ico abo muri urwo rugo bakunda maze tugaca tubishira mu vyo tuja kuyaga. Ariko rero, hariho n’ubundi buryo twohuza n’uko ibintu vyifashe igihe turi mu busuku.
2 Twubakire ku vyo abandi bavuze: Igihe tubwira inkuru nziza abandi, dukunze kubaza ikibazo maze tugasaba abo turiko turayaga kwishura. None wakira gute inyishu umuntu atanga? Woba wihutira guca werekana mu buryo budafashe ko ushigikiye inyishu uwo muntu atanze, maze ugaca wibandaniriza kuvuga ivyo wateguye kumubwira? Canke ivyo uvuga vyoba vyerekana yuko witwararika vy’ukuri ivyo uwo muntu muriko murayaga ahejeje kuvuga? Mu gihe witwararitse vy’ukuri ivyo abandi bavuga, woshobora no kubaza ibindi bibazo ubigiranye ubugenge kugira ngo umenye neza iryo bagona (Imig. 20:5). Gutyo, woshobora guca wibanda ku mice y’ubutumwa bw’Ubwami ikora neza na neza ku bintu biraje ishinga kuruta ibindi uwo muntu muriko murayaga.
3 Ivyo bisaba ko tugira umutima ukunze wo kuganira ku vyiyumviro bitandukanye n’ivyo twari twategekanije. Nimba duhereye ku kuvuga ingorane iriko iravugwa cane mu makuru maze tukaza twumva uwo muntu turiko turayaga avuze ingorane y’aho iwabo canke ingorane imuraje ishinga, kwitwararika vy’ukuri uwo muntu mu guhuza ikiyago cacu n’ivyo akeneye bizotuvyurira umutima wo gushimikira ico kiganiro gishingiye kuri Bibiliya ku vyo uwo muntu abona ko bihimbaye kuruta ibindi.—Flp. 2:4.
4 Duhindure uburyo dukoresha: Igihe uwo turiko turayaga avyuye ikibazo kinaka, vyoba ngirakamaro tubandanije ico kiyago ikindi gihe, tumaze kuronka akanya ko kuraba ayandi makuru yerekeye ico kibazo kimuraje ishinga. Twoshobora kandi gushikiriza ibisohokayandikiro birushiriza guca irya n’ino ico kibazo. Ivyo vyose ni ibintu vyerekana ko twitwararika vy’ukuri abandi igihe tubafasha kugira bashike ku kumenya Yehova.—2 Kor. 2:17.