Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2006 ryataziriwe ngo “Igihe co kurokorwa kiregereje”
1. Abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera berekanye gute ko baha agaciro ugusenga k’ukuri, kandi ni akaryo gasa n’ako akahe dufise muri iki gihe?
1 Umwami Hezekiya w’Ubuyuda bwa kera yarakoresheje abantu batwara ubutumwa kugira batange amakete yatumira abantu kuza guhwanira i Yeruzalemu (2 Ngo. 30:6, 13). Ukuntu abantu bavyakiriye vyaraseruye ingene babona ugusenga kw’ukuri (2 Ngo. 30:10-12). Mu mezi agiye kuza, abasavyi ba Yehova muri iki gihe bazoronka akaryo nk’ako nyene ko kwerekana ko bakenguruka bimwe bivuye ku mutima, agateka bafise ko gukoranira hamwe ngo basenge Yehova. Ishengero ryanyu ryaramaze kurungikirwa ikete ribatumira kuzokwitaba Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo: “Igihe co kurokorwa kiregereje”. Woba uzokwitaba ubwo butumire?
2. Ni ibiki twokora uhereye ubu kugira tuze twungukire bimwe vyuzuye kuri iryo hwaniro?
2 Uhereye ubu nutegekanye kuzoba uhari: Kugira tuzoshobore kwungukira mu buryo bwuzuye kuri iyo porogarama y’ivy’impwemu iriko irateguranwa urukundo, turakeneye kuzoba ari ho turi kuri iyo porogarama yose. Vyoba biranga ubukerebutsi utanguye kugira indinganizo zose ukeneye be n’izo umuryango wawe ukeneye kugira muzobe ari ho muri iyo misi itatu yose (Imig. 21:5). Ukwitegura nk’ukwo gukwiye kujamwo no gusaba uruhusha umukoresha wawe, kandi urakwiye kuganira imigambi yawe n’uwo mwubakanye nimba atari Icabona kugira utegekanye ibikenewe vyose ku vyerekeye uburaro. Urakwiye no gufasha abo mwigana Bibiliya kugira bazoshobore kwitaba iyo misi yose. Ivyo bintu bihambaye ntubigire ku munuta wa nyuma. Ahubwo, nusenge Yehova wizigiye ko “na we azobishitsa”.—Zab. 37:5.
3. Ni kubera iki dukwiye kwubahiriza indinganizo zose zigirwa kugira turonke uburaro?
3 Ishirahamwe rya Yehova rirakorana umwete kugira ryiyemeze neza yuko uburaro buzoboneka mu ntara zose canke mu bisagara vyose bizoberamwo iryo hwaniro. Ugukenguruka utwigoro two kwitanga twagizwe n’abavukanyi bakora bagatama bafashije mu kugira izo ntunganyo, ukwitwararika abitavye ihwaniro bagenzi bacu, be n’ukwubahiriza urutonde rwa gitewokarasi bikwiye kutuvyurira umutima wo kwubahiriza bimwe bishitse inyobozo ziri muri iki kiganiro.—1 Kor. 13:5; 1 Tes. 5:12, 13; Heb. 13:17.
4, 5. Abari n’ivyo bakeneye mu buryo budasanzwe bokwitwararikwa gute?
4 Ibikenewe mu buryo budasanzwe: Mu Migani 3:27 havuga ngo: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora”. Ni gute twogirira ivyiza abandi mu bijanye n’iryo hwaniro? Abamamaji bageze mu zabukuru, abafise ubumuga, abari mu murimo w’igihe cose, be n’abandi, boshobora kuba bakeneye gufashwa mu buryo buboneka mu bijanye no kwiyunguruza canke mu vyerekeye uburaro. Incuti ni zo ubwa mbere na mbere zegwa n’ibanga ryo kwitwararika ivyo abantu nk’abo bakeneye (1 Tim. 5:4). Ariko rero, nimba batabishoboye, hari aho abo basangiye ukwizera boba bashoboye kubafasha (Gal. 6:10). Abacungezi b’inyigisho z’igitabu bakwiye kuvugana n’abo mu migwi yabo bari n’ivyo bakenye bidasanzwe, kugira barabe neza yuko ivyo bategekanije biri ku rutonde hagisigaye igihe imbere y’uko ihwaniro riba.
5 Inkaratasi zo gusabirako icumba bivanye n’inkenero idasanzwe zironswa gusa abamamaji usanga ivyo bakeneye mu vy’uburaro, bidashoboye kwitwararikwa n’abo mu muryango wabo canke ishengero ryabo. Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kurimbura yuko abo bamamaji bakwije ibisabwa, ikoresheje inyobozo zerekanwa kuri urwo rukaratasi. Iyo ntunganyo igenewe gusa abamamaji bafise impagararo nziza be n’abana babo bigenza neza.
6. (a) Ni kubera iki dukwiye kwitaba ihwaniro ishengero dukukira ryasabwe kwitaba? (b) Ni inyobozo izihe zikwiye gukurikizwa nimba bibaye ngombwa ko witaba irindi hwaniro?
6 Kwitaba irindi hwaniro: Kugira ngo hiyemezwe neza yuko hazoba ivyicaro bihagije, ibisohokayandikiro bihagije, ibibanza vy’uburaro bihagije be n’ibindi bintu, uremeshwa kwitaba ihwaniro ishengero ukukira ryasabwe kwitaba. Nimba bibaye ngombwa ko witaba irindi hwaniro bivanye n’uko ivyawe vyifashe, turakwinginze uvugane n’umunyamabanga w’ishengero ukukira kugira akubwire ahantu iryo hwaniro uzokwitaba rizobera.
7. Ni uburyo bumwe ubuhe buzotuma dushobora kurushiriza kugira umunezero mw’ihwaniro ryimirije?
7 Harakenewe abazokwitanga babikunze: Nta gukeka ko abazokwitaba iryo hwaniro bazogira umunezero mwinshi kandi ko bazokwungukira ku mfungurwa zo mu buryo bw’impwemu be no ku turyo two kuremeshanya n’abavukanyi babo. Tuzorushiriza mbere guhimbarwa nitwitanga tugafasha mu bikorwa bitegerezwa kuzokorwa kugira iryo hwaniro rigende neza (Ivyak. 20:35). Amakomite y’ihwaniro yo mu karere kanyu vuba azotumira abandi kugira ngo bazofashanye muri ico gikorwa. Ubona ubwawe woshobora kwitanga?—Zab. 110:3.
8. Ni igiki ushima cane ku vyerekeye ihwaniro ry’intara ryama riba ku mwaka ku mwaka, kandi ni igiki ukwiye kwiyemeza?
8 Igihe umwana umwe w’imyaka itanu yitaba ihwaniro ry’intara, yavuze ati: “Ihwaniro ry’intara ni umuce nkunda cane mu bijanye no gusenga Yehova”. Ayo majambo akora ku mutima arafasha umwumwe wese muri twebwe kubona ingene tugira umunezero mwinshi igihe twitaba ihwaniro ry’intara ryama riba uko umwaka utashe. Bimeze vy’ukuri nk’uko umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi” (Zab. 84:10). Dawidi yaraseruye abicishije mu ndirimbo icipfuzo ciwe co ‘kuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubuzima bwiwe, akihweza urusengero rw’Uhoraho’ (Zab. 27:4). Vyarahimbara cane Dawidi kuba ari mu basenga Yehova. Ese twokwigana ukuntu yaha agaciro ugusenga kw’ukuri mu kuzoba ari ho turi iyo misi itatu yose Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo: “Igihe co kurokorwa kiregereje”, rizomara!
Ibihe vya porogarama
Ku wa gatanu no ku wa gatandatu
2:30 zo mu gitondo - 10:05 zo ku muhingamo
Ku w’iyinga
2:30 zo mu gitondo - 9:10 zo ku muhingamo