Umwana wawe yoba ashoboye gufata mu buryo bubereye ingingo ihambaye?
1. Ni impagararo iyihe Ivyabona bakiri bato bagize ku bijanye n’ikoreshwa ry’amaraso? Tanga akarorero.
1 Ni ugufata ingingo ihambaye ku vyerekeye iki? Ni ku vyerekeye uguterwa amaraso. Nk’uko vyerekanywe mu kiganiro kivuga ngo “Genda nk’uko Yehova yakwigishije” casohowe mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo muri Ruheshi 1991 (canke w91-F 15/6, rup. 16-17), vyarabaye ngombwa ko abana b’Ivyabona vya Yehova bagira impagararo ihambaye kugira ngo berekana ko kuri bo icipfuzo bafise co kugamburuka ibwirizwa ry’Imana ryerekeye amaraso gihambaye nka kurya nyene gihambaye no ku bavyeyi babo. Umwana wawe ataragera mu bigero vyoba bisaba ko na we nyene agira iyo mpagararo?
2. Ni ingingo ngenderwako iyihe ijanye n’amategeko sentare imwe yakurikije ku mwana umwe ataragera mu bigero yanse guterwa amaraso, kandi ni igiki abavyeyi bakirisu be n’abana babo batagera mu bigero bigira kuri ico kintu?
2 Amategeko avuga iki? Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hariho sentare nkuru kuruta izindi yagize ico ivuga ku bijanye n’uburenganzira bw’abana bakuze mu vyiyumviro ariko bataragera mu bigero bwo kwanka guterwa amaraso, iyo na yo akaba ari Sentare ntahinyuzwa yo muri Leta ya Illinois. Mu gusubiramwo urubanza rw’umuvukanyikazi w’imyaka 17, iyo sentare yashinze iri tegeko: “Nimba hari ikimenyamenya gitomoye kandi kijijura cerekana yuko uyo mwana ataragera mu bigero yamara akaba akuze mu vyiyumviro ku buryo atahura neza ingaruka z’ingingo yifatira [kandi] ko ashobora gufata ingingo nka kurya kw’umuntu akuze, ingingo ngenderwako igenga mwene abo bana iramuha uburenganzira bwo kwemera canke kutemera uburyo kanaka bwo kuvurwa”. Ku bw’ivyo rero, kugira ngo abaganga canke abategetsi biyemeze neza nimba umwana akuze mu vyiyumviro ku buryo wenyene ubwiwe yokwifatira ingingo, boshobora kubaza ibibazo uwo mwana arwaye kugira ngo biyumvire ingene asigura igituma atemera guterwa amaraso. Uwo mwana akiri muto yokenera gutahura mu buryo bwumvikana ko indwara yiwe ihambaye akongera agatahura ingaruka z’uburyo ahitamwo kuvurwa, maze agasigura mu buryo butomoye kandi ashize amanga ivyo yemera mu vy’idini bijanye n’ico itegeko ry’Imana rivuga ku vyerekeye amaraso.
3. Ni ibibazo ibihe abavyeyi bakwiye kwicarira, kandi kubera iki?
3 Ni ibiki umwana wawe yovuga? Abana bawe boba bashoboye kwisigura ku vyerekeye ico kibazo? Boba bemera n’umutima wabo wose yuko ‘kwirinda amaraso’ ari itegeko ry’Imana (Ivyak. 15:29; 21:25)? Boba bashoboye gusigura ivyo bemera bakoresheje Ivyanditswe? Boba bashoboye n’umutima rugabo kwumira ku ngingo ntabanduka bafashe ku vyerekeye amaraso nimba abaganga bemeje yuko ubuzima bwabo buri mu kaga, mbere naho abavyeyi babo batoba bahari? Kubera yuko “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa ku[tu]zako [twe]se”, wofasha gute abana bawe kwitegurira ingorane iyo ari yo yose yokwaduka, yohava igerageza ukutadohoka kwabo?—Umus. 9:11; Ef. 6:4.
4, 5. (a) Ni ibanga irihe abavyeyi bajejwe, kandi borirangura gute? (b) Ni ibintu ibihe turonswa bishobora gufasha abavyeyi?
4 Bavyeyi, ni igiki mwokora? Murafise ibanga ryo kwigisha abana banyu ukuntu Imana ibona amaraso (2 Tim. 3:14, 15). Insiguro itomoye iraboneka mu gitabu Comment raisonner, ku rupapuro rwa 359-362 (mu giswahili ni ku rupapuro rwa 42-46). Nimwigire hamwe n’umuryango wanyu ico kiganiro mwitonze. Mukoresheje igice kivuga ngo “Si quelqu’un vous dit:” (igihe umuntu akubwiye ati:) kiri ku rupapuro rwa 362-364 (mu giswahili ni igice kivuga ngo “Mtu Akisema—”, kiri ku rupapuro rwa 46-48), nimugirire hamwe n’abana banyu imyimenyerezo ibafasha kumenyera gusigura ivyo bemera be n’igituma bavyemera (1 Pet. 3:15). Mu bindi bintu vyotwigisha ku bijanye n’ikibazo cerekeye amaraso harimwo na ka gatabu kavuga ngo Comment le sang peut-il vous sauver la vie? be n’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004, ku rupapuro rwa 14-24. Vyongeye, ca kiganiro co kuraba kivuga ngo Soigner sans transfuser:besoins et droits du patient (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa) be n’ikivuga ngo Pas de sang:la médecine relève le défi (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso) ubu biboneka ku kadisiki kitwa DVD kavuga ngo Des alternatives à la transfusion—Documentaires (Ibiganiro vyerekeye uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso), biratanga amakuru ajijura yerekana ko kuvura umurwayi no kumubaga hadakoreshejwe amaraso vyumvikana kandi ko ari ngirakamaro. Umuryango wawe woba uherutse kurimbura kimwekimwe muri ivyo bintu duhejeje kuvuga aho haruguru?
5 Nufashe abana bawe ‘kumenya neza ivyo Imana igomba, vyiza, bishimwa, kandi bitunganye rwose’ ku vyerekeye amaraso. Gutyo, barashobora gufata ingingo ihambaye ihezagirwa na Yehova.—Rom. 12:2.