Ishure ridufasha gushira mu ngiro mu buryo ngirakamaro ivyo twiga
1 Igihe tuzoba turiko turarimbura amayagwa yerekanywe mu Rutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2006, tuzokwihatira kwungukira ku nyigisho zo mu Vyanditswe mu kuzishira mu ngiro mu murimo mweranda turangura no mu buzima bwa misi yose. Dukwiye kwiyemeza kwama dushira mu ngiro ivyo twiga.—Yoh. 13:17; Flp. 4:9.
2 Gutanga insasanuro: Urutonde rw’umwaka wa 2006 rurongera umunuta umwe kuri vya bibazo bibazwa abumviriza mu gihe hariko harashikirizwa ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya. Ivyo vyerekana ko umuvukanyi ashingwa gushikiriza ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya akwiye kwiyubara, agashikiriza ikiganiro ciwe mu minuta itanu aho kugishikiriza mu minuta itandatu. Abatanga insasanuro barakwiye na bo nyene kugaba kuri ico kintu kijanye n’umwanya. Uwutanga insasanuro akwiye kubanza kwiyumvira yitonze ingene ashobora gushikiriza amakuru y’ingirakamaro mu masegunda 30 canke mu mwanya uri munsi y’uwo. Hafi nk’abantu cumi barashobora gutanga insasanuro zubaka muri iyo minuta itanu yategekanirijwe vya bibazo bibazwa abumviriza.
3 Insiguro zigisha: Ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya be n’insiguro ncishabwenge bikwiye kwibanda ku kuntu agaciro k’amayagwa kajanye n’ubusuku turangura be n’ukuntu kajanye n’iyindi mice igize ubuzima bwacu bwa misi yose. Abashikiriza ivyo biganiro ntibakwiye gusa kuvyurira abumviriza icipfuzo co kugira ico bakoze. Bakwiye no kwerekana mu buryo budomako igikenewe gukorwa, bakerekana ukuntu cokorwa, bakongera bakerekana ivyiza biva ku kugikora. Nk’akarorero, boshobora kuvuga ngo “Ukwo ni ko iki canditswe kituyobora”, canke ngo “Ukwo ni ko twokoresha ibi vyanditswe mu busuku”. Abakurambere be n’abakozi b’ishengero bazi neza ivy’aho iwanyu bakwiye kwihatira gutomora uko bashoboye kwose ingene amayagwa bashikiriza yoshirwa mu ngiro mu buryo ngirakamaro.
4 Kuvuga uburorero bwo muri Bibiliya birashobora kuba bwo buryo bwiza bwo kwerekana ingene amayagwa kanaka yoshirwa mu ngiro mu buryo ngirakamaro. Abashikiriza ivyo biganiro bahejeje kuvuga akarorero kanaka ko mu Vyanditswe, boshobora guca bavuga ngo “Ibintu nk’ibi na mwebwe nyene vyoshobora kubashikira”. Bakwiye kuraba neza yuko akarorero ako ari ko kose ko muri Bibiliya bagasigura mu buryo buhuje n’ibiriko biravugwa, n’ibiri muri Bibiliya yose uko ingana be n’amakuru yasohowe na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”.—Mat. 24:45.
5 Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gukoresha ubumenyi be n’ugutahura ku buryo ibintu bigenda neza. “Ikir’imbere ya vyose [“ni ubukerebutsi”, NW]” (Imig. 4:7). Uko tubandanya kwironsa ubukerebutsi ngirakamaro biciye ku nyigisho turonkera mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, nimuze kandi tubandanye kuryohora ubuhanga bwo kuronsa abandi ubwo bukerebutsi.