Ingene twotanguza inyigisho za Bibiliya mu gitabu ivyo Bibiliya yigisha
Benshi muri twebwe twohimbarwa no kurongora inyigisho ya Bibiliya hamwe turamutse tuyitanguje. Ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kirashobora kudufasha. Intangamarara yo ku rupapuro rwa 3-7 ituma dushobora kuyaga n’uwo tugendeye ivyerekeye Bibiliya dukoresheje ico gitabu. Mbere n’abamamaji bataramenyera ubusuku bazosanga vyoroshe gutanguza inyigisho.
◼ Wogerageza ubu buryo ukoresheje urupapuro rwa 3:
Uhejeje kuvuga inkuru canke ingorane iraje ishinga abantu bo mu cibare cawe, niwereke uwo muriko murayaga ibibazo biri mu ndome zizize vyo ku rupapuro rwa 3, uce umusaba kugira ico abivuzeko. Nuce uzingurura ku rupapuro rwa 4-5.
◼ Canke wohitamwo gutangura mu gushimikira ku biri ku rupapuro rwa 4-5:
Woshobora kuvuga uti: “Ntivyoba bihimbaye hamwe ibintu vyohinduka bikaba nk’uko nyene vyerekanywe ngaha?”. Canke ukavuga uti: “Muri ibi bintu vyasezeranywe ni ikihe woshima kubona kirangutse?”. Niwumvirize witonze inyishu atanga.
Mu gihe uwo muriko murayaga ashimishijwe mu buryo budasanzwe na kimwe muri ivyo vyanditswe, numwereke ivyo Bibiliya yigisha kuri ico kintu mu kurimbura ingingo zo muri ico gitabu zica irya n’ino ico canditswe (Raba uruzitiro ruri kuri uru rupapuro rw’iyi nyongera.). Nurimbure ayo mayagwa nka kurya nyene woba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya. Ivyo turashobora kubigira mu minuta itanu canke cumi duhagaze imbere y’umuryango ari bwo bwa mbere tugendeye umuntu.
◼ Ubundi buryo wokoresha ni ugutuma umuntu aserura iryo agona ukoreshejwe urupapuro rwa 6:
Niwereke uwo muriko murayaga ibibazo biri ku mpera y’urwo rupapuro, maze umubaze uti: “Woba urigera wibaza ikibazo na kimwe muri ibi biri ngaha?”. Nimba yerekanye ko harimwo ikimushimishije, nuzingurure ku ngingo zo muri ico gitabu zishura ico kibazo (Raba uruzitiro ruri kuri uru rupapuro rw’iyi nyongera.). Mu gihe muba muriko murarimburira hamwe ayo mayagwa, uba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya.
◼ Urupapuro rwa 7 rwoshobora gukoreshwa mu kwerekana ingene inyigisho ya Bibiliya irongorwa:
Nusome amungane atatu ya mbere yo kuri urwo rupapuro, uce uzingurura ku kigabane ca 3, maze werekane ingene inyigisho irongorwa ukoresheje ingingo ya 1-3. Nutunganye ivyo gusubira kumugendera kugira ngo muze muganire ku nyishu z’ibibazo vyo ku ngingo ya 3.
◼ Ingene twotunganya ivyo gusubira kugendera umuntu:
Uhejeje kwiga n’umuntu ari bwo bwa mbere, nutunganye ivyo kuzobandanya ico kiyago. Wokwivugira uti: “Mu minuta mikeyi, turize ico Bibiliya yigisha ku vyerekeye ikintu gihambaye cane. Ubutaha, turashobora kuzoganira ku [Nubaze ikibazo muzorimbura.]. Ubona noshobora kugaruka ku ndwi iza nk’aya mango?”.
Uko turushiriza kwegereza igihe Yehova yashinze, arabandanya kuturonsa ivyangombwa kugira turangure umurimo tujejwe (Mat. 28:19, 20; 2 Tim. 3:17). Nimuze dukoreshe neza iki gikoresho gishasha c’akaroruhore kugira ngo dutanguze inyigisho za Bibiliya!
[Box on page 3]
Ivyanditswe vyo kuganirako biri ku rupapuro rwa 4-5
◻ Ivyahishuriwe 21:4 (rup. 27-28, ing. 1-3)
◻ Yesaya 33:24; 35:5, 6 (rup. 36, ing. 22)
◻ Yohana 5:28, 29 (rup. 72-73, ing. 17-19)
◻ Zaburi 72:16 (rup. 34, ing. 19)
Inyishu z’ibibazo biri ku rupapuro rwa 6
◻ Ni kubera iki ducumukura? (rup. 108-109, ing. 6-8)
◻ Dushobora gute kuvyifatamwo neza mu myitwarariko y’ubuzima? (rup. 184-185, ing. 1-3)
◻ Dushobora gute gutuma mu rugo iwacu harushiriza kuba agahimbare? (rup. 142-143, ing. 20)
◻ Bitugendera gute iyo dupfuye? (rup. 58-59, ing. 5-6)
◻ Twoba tuzokwigera dusubira kubona abacu bapfuye? (rup. 72-73, ing. 17-19)
◻ Dushobora gute kwemera tudakeka yuko Imana izorangura ivyo yasezeranye kuzokora muri kazoza? (rup. 24-25, ing. 17)