Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 27 Ruhuhuma 2006. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 2 Nzero gushika ku ndwi itangura ku wa 27 Ruhuhuma 2006.
[Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ridufasha ‘guha Imana ikimazi co gukenguruka, ari co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo’? (Heb. 13:15) [be rup. 5 ing. 3–rup. 6 ing. 1]
2. Ni kubera iki dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira dusome ata mahinyu? [be rup. 83 ing. 1–rup. 84 ing. 1]
3. Igihe tuba turiko turavuga twongera twigisha, ni kubera iki kuvuga mu buryo butomoye bihambaye cane? [be rup. 86 ing. 1-6]
4. Ni kubera iki kwatura ata mahinyu bihambaye, kandi n’ibiki bikwiye kurimburwa? [be rup. 89 ing. 1–rup. 90 ing. 3, uruzitiro]
5. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bizodufasha kugira turushirize kuvuga tworohewe? [be rup. 94 ing. 4-5, uruzitiro]
IKIGANIRO NO. 1
6. Mu 2 Ngoma 36:17-23 hatanga gute ikimenyamenya c’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ari ubwo kwizigirwa? [bsi06 rup. 4 ing. 35]
7. Ni urukurikirane uruhe rw’ibintu vyagiye birashika rwatumye bishoboka ko Abayuda basubira mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C. kugira bubake ingoro ya Yehova? [bsi06 rup. 5 ing. 1-3]
8. Igitabu ca Ezira cemeza gute ko Yehova ari we Mana y’ukuri, kandi ni gute gituma umuntu atsimbataza ukumwizigira? [bsi06 rup. 6, 7 ing. 14, 18]
9. Ni kubera iki “umwaka ugira mirongwibiri umwami Aritazeruzi ari ku ngoma”, uhambaye ku bijanye n’urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya? (Neh. 2:1, 5, 6, 11, 17, 18) [bsi06 rup. 7, 8 ing. 2, 5]
10. Ni gute Nehemiya ari akarorero keza ku basavyi b’Imana ba kino gihe? [bsi06 rup. 8 ing. 16-17]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Abari baratwawe inyagano basubiye i Yeruzalemu, boba bararonka ya Urimu na Tumimu zakoreshwa mu gihe haba hakenewe kubaza Yehova? (Ezr. 2:61-63)
12. Ni kubera iki Abayuda benshi mu bari i Babiloni batashimye kujana na Ezira i Yeruzalemu? (Ezr. 7:28–8:20)
13. Igikorwa co gusubira kwubaka uruzitiro ni gute coshoboye gukorwa hakoreshejwe ukuboko kumwe gusa? (Neh. 4:17, 18)
14. None ko ivyete vy’amabanga vyari bisanzwe bishirwa mu gasaho kugaye neza, ni kubera iki Sanibalati yarungikiye Nehemiya “icete kitazinze”? (Neh. 6: 5)
15. Turetse ‘uguhambarira’ Abayuda bari bakoze ibitabereye, nk’uko mu ntango yari yahambariye abaganwa n’abanyacubahiro, ni ibiki Nehemiya yakoze kugira akosore ibintu? (Neh. 13:25, 28)