ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 1
  • Turondere uturyo two kwamamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turondere uturyo two kwamamaza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Dushemeze Yehova buri musi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Shemeza Yehova mu gushinga intahe akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ntugishe uturyo uronka two kwamamaza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 1

Turondere uturyo two kwamamaza

1 Ishengero rya gikirisu rigizwe n’abantu babayeho mu buryo butandukanye cane. Naho ari ukwo, twese turunze ubumwe mu mwiyemezo wacu wo gushemeza Yehova (Zab. 79:13). Mu gihe amagara make canke ibindi bintu bitumye tutaronka umwanya ukwiye wo kugira uruhara mu gikorwa co gutangaza inkuru nziza, twoshobora gute kurondera uturyo two kwamamaza?

2 Mu bikorwa vya misi yose: Yezu ntiyareka ngo hagire umusi wijana adashinze intahe igihe yaba ariko araganira n’abantu. Yarayaze na Matayo igihe yari aciye aho batoreza amakori, arayaga na Zakayo ari ku rugendo, yongera ayaga n’Umusamariyakazi igihe yari aruhutse (Mat. 9:9; Luka 19:1-5; Yoh. 4:6-10). Mu bikorwa vyacu vya misi yose, na twebwe nyene turashobora gufatira ku kiyago gisanzwe twarimwo, maze tugashinga intahe. Kuba dufise Bibiliya hafi hamwe n’udupapuro tw’inkuru nziza canke udutabu, bizotuma twama twiteguriye kubwira abandi ibijanye n’icizigiro cacu.—1 Pet. 3:15.

3 Woba udashobora kugendagenda ku buryo utamamaza inzu ku nzu nk’uko wavyipfuza? Ntugishe uturyo uronka two kwamamaza ku bakora kwa muganga igihe baje kukuraba canke ku bandi bantu bose mushobora kubonana (Ivyak. 28:30, 31). Nimba na ho bitagukundira ko rimwe na rimwe uva i muhira, woba umaze kugerageza kwamamaza ukoresheje telefone canke biciye mu kwandika amakete? Hari umuvukanyikazi umwe akunda kwandikira abo mu muryango wiwe batari Ivyabona. Muri ayo makete, arandikamwo ivyiyumviro biremesha vyo muri Bibiliya be n’ivyo abona igihe aba ariko aramamaza.

4 Ku kazi canke kw’ishure: Icipfuzo dufise co gushemeza Yehova kizotuma kandi turondera uturyo two kubiba imbuto zerekeye ukuri ku kazi canke kw’ishure. Umwamamaji umwe w’imyaka umunani yarabwiye abo bigana ivyo yasomye mu kinyamakuru Réveillez-vous! vyerekeye ukwezi. Umwigisha wiwe amaze kumenya aho ivyo bintu abikura, yaciye atangura kuza arakira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe turi ku kazi, dupfuye kuza turishirira igitabu Ivyo Bibiliya yigisha aho abandi bashobora kukibona, vyoshobora gutuma babaza ibibazo maze bikaturonsa akaryo ko kwamamaza.

5 Ubona woshobora kuzirikana ku kuntu woronka uturyo two kwamamaza mu bikorwa vyawe vya misi yose? Nimuze twihatire kwama imisi yose ‘duha Imana ikimazi co gukenguruka’, uko ivyacu vyoba bimeze kwose.—Heb. 13:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika