ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 1
  • Twitwararike abandi mu kuba twiteguye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twitwararike abandi mu kuba twiteguye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • ‘Tube abiteguriye igikorwa ciza cose’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 1

Twitwararike abandi mu kuba twiteguye

1 Igihe twiteguriye neza ubusuku biradufasha kwitwararika abandi. Uti gute? Igihe twiteguye neza, ntituba tukirazwa ishinga cane n’ingene dutanguza ikiyago, bica bituma twitwararika cane uwo dusanze ku muhana. Ikindi kandi, biradufasha gutsinda uguhagarika umutima tukavugana umutima mu nda. Ariko none, dushobora gute kwitegurira gutanguza ikiyago mu buryo bw’ingirakamaro?

2 Nukoreshe uburyo bwo gutanguza ikiyago buhuje n’uko ibintu vyifashe: Nuhitemwo uburyo bwo gutanguza ibiyago bubereye ng’aho iwanyu bwo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, maze urabe ingene wobukoresha mu majambo yawe bwite. Nubuhuze n’uko ibintu vyifashe mu cibare canyu. Nk’akarorero, nimba ukunda guhura n’abantu bo mw’idini rinaka canke bakomoka ahanaka, nuzirikane ku kintu gishobora kubashimisha wokoresha mu gutanguza ikiyago. Mu gihe uhuje uburyo ukoresha mu gutanguza ikiyago n’uko ivy’abo bantu vyifashe, birerekana yuko ubitwararika bivuye ku mutima.—1 Kor. 9:22.

3 Umaze gutangura gukoresha ubwo buryo wateguye bwo gutanguza ikiyago, nubandanye kuza uraburyohora. Kubera ko amajambo atanguza ikiyago ari yo canecane ahambaye, urakwiye kuraba neza ukuntu abantu bakira amajambo yawe y’intangamarara. Mbega ico kintu ubabwira coba kibashimisha? Ibibazo ubaza boba bavyishura? Nimba atari ukwo biri, nugire ivyo uhinduye gushika bigende neza.

4 Ibigufasha kwibuka: Abatari bake usanga bibagora kwibuka amajambo yo gutanguza ikiyago igihe bashitse ku muhana. Nimba na wewe bigushikira, woba waragerageje kuza urasubiramwo uburyo ukoresha mu gutanguza ikiyago, ivyo ukabigira n’ijwi ryumvikana uri kumwe n’uwundi muntu? Ivyo birashobora kugufasha kugira ivyiyumviro bitomoye mu muzirikanyi wawe, maze ugashobora kubivuga mu buryo bworoshe kandi bwumvikana. Birashobora kandi kugufasha kumenya ingene ubigenza igihe abo muyaze bavyakiriye mu buryo butandukanye.

5 Ikindi kintu gishobora kugufasha kwibuka, ni ukwiyandikira utuntu dukeyi ku gakaratasi, maze ukagaterezako amaso imbere y’uko ushikira umuhana. Bamwebamwe basanga utwo tuntu dukeyi baba banditse tubafasha kurushiriza kwumva borohewe, bikanatuma barushiriza kuganiriza neza abantu. Muri ubwo buryo, kwitegura neza vyoshobora kudufasha kwitwararika abandi, maze tukaryohora uburyo dushikiriza inkuru nziza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika