ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 7

Amatangazo

◼ Ruhuhuma: Hazoshikirizwa igitabu Niwiyegereze Yehova. Amashengero adafise ico gitabu yoshobora gushikiriza ikindi gitabu ca kera kiboneka mu bubiko bw’ishengero. Ariko kandi hoshobora gushikirizwa Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ntwarante: Nihashikirizwe ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Nihagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Nihashikirizwe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Mu gihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, ushizemwo abitaba Icibutso be n’izindi porogarama za gitewokarasi canke abitaba izo zindi uretse Icibutso, mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana muri ico gitabu.

◼ Kubera yuko ukwezi kwa Ndamukiza kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2006 izoba ifise umutwe uvuga ngo “Imana yoba ari yo ikiyobora ibintu?”. Raba itangazo bijanye riri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2005.

◼ Ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 6 kivuga ngo “Duhimbarwe no kwiga igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?”, kizorimburwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi itangura ku wa 3 Ndamukiza. Turakwinginze uzigame neza urwo rupapuro ruriko ico kiganiro be n’urwo rutonde rw’inyigisho biri kumwe.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye gusuzuma amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banke mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabunga ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyisuzuma. Iryo suzuma rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.

◼ Umunyamabanga be n’umucungezi w’umurimo bakwiye kwihweza igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba harimwo abafise ingorane yo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Mukeneye ibindi vyiyumviro, nimwihweze ya makete S-201 arungikwa ku mwaka ku mwaka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika