ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 8
  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Nukoreshe amavidewo mu kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ico Amavidewo Ashikako mu Gushinga Intahe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 8

Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha

1. Yehova yakoresheje gute ibintu umuntu ashobora kubona kugira ngo yigishe abasavyi biwe ba kera, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

1 Kugira ngo Yehova ashikirize abasavyi biwe ba kera ubutumwa buhambaye, rimwe na rimwe yarahishura ibintu akoresheje iyerekwa canke indoto. Zirikana kuri wa mukogote wa Yehova wo mw’ijuru Ezekiyeli yerekwa (Ezk. 1:1-28). Iyumvire ukuntu Daniyeli yumvise amerewe inyuma y’aho yerekewe nko mu ndoto ibintu vy’ubuhanuzi vyerekana ukuntu intwaro nganzasi zogiye zirakurikirana (Dan. 7:1-15, 28). Tuvuge iki ku bintu biteye umunezero ‘vyamenyeshejwe’ intumwa Yohani ku bijanye n’ivyobaye mu gihe c’“umusi w’Umukama” (Ivyah. 1:1, 10, UB)? Yehova yarabigishije akoresheje uburyo butomoye kandi bukomeye, maze ivyo bituma ibintu bize biguma mu mizirikanyi yabo.

2. Ni ibintu ibihe umuntu ashobora kubona twokoresha kugira ngo twigishe abandi ukuri kwa Bibiliya?

2 Nimba twipfuza kubwira abandi ukuri kwa Bibiliya mu buryo bukora ku mutima butuma ivyo tubabwiye badashoka bavyibagira, turashobora gukoresha amavidewo kugira ngo tubigishe. Amavidewo yacu arimwo ibiganiro vyinshi cane bifasha umuntu kugenda ararushiriza kwizigira Bibiliya, kwizigira ishirahamwe rya Yehova be no kwizigira ingingo ngenderwako zituma umukirisu aryohora ukuntu abayeho. Reka turimbure uburyo bukeyi dushobora gukoreshamwo amavidewo yacu mu kwigisha. Ngaya amavidewo amwamwe twoshobora gukoresha.

3. Ni igiki wokoresha kugira ngo uyobore umutohoji wa Bibiliya kw’ishirahamwe?

3 Mu busuku: Woba umaze kubwira umutohoji wa Bibiliya ivyerekeye umuryango wacu wa gikirisu ukwiye kw’isi yose? Nuwumwereke ukoresheje ya videwo ivuga ngo Toute la communauté des frères (Umuryango wacu wose w’abavukanyi). Woshobora kuyimutiza akayiraba imbere y’uko musubira kwiga canke mukayirabira hamwe usubiyeyo muriko muriga. Nimuce muganira ku bibazo vy’isubiramwo biri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2002.

4. Ni ibikoresho ibihe vyigisha Icabona akiri muto yokoresha kw’ishure?

4 Rwaruka, mwoshobora kuvugana n’umwigisha wanyu nimba hoboneka akaryo ko kwereka abo mwigana ibiganiro vyo muri ya videwo ivuga ngo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi) canke ivyo muri ya yindi ivuga ngo Fidèles dans les épreuves—Les Témoins de Jéhovah en Union soviétique (Intahemuka mu bigeragezo—Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti). Nimubasabe yuko mwotegura urupapuro ruriko ibibazo, kandi mu kurutegura mukoreshe ibibazo dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2001 canke co muri Ruhuhuma 2003; mubitunganye ku buryo mwobiganirako mw’ishure.

5. Ni ikintu ikihe kihari abavyeyi bashobora kwikorako mu nyigisho y’umuryango?

5 Muri kumwe n’incuti n’abagenzi: Bavyeyi, nimuzirikane ku kuntu abana banyu bahindutse kuva aho barabiye ya videwo Les jeunes s’interrogent. . . Comment se faire de vrais amis? (Abakiri bato baribaza—Noshobora gute kugira abagenzi nyakuri?). Ni kubera iki mutosubira kuyiraba mu nyigisho yanyu y’umuryango yimirije? Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2002 kirimwo ibibazo bishobora gutuma mugiriranira ikiganiro kiryoshe kandi kitarimwo uburyarya.

6. Wotunganya gute ivyo kumara umwanya muri kumwe n’abagenzi mukaremeshanya?

6 Hoba hari abagenzi bo mw’ishengero wipfuje gutumira? Kurabira hamwe ya videwo ivuga ngo Respectons l’autorité de Jéhovah (Twubahe ubukuru bwa Yehova) vyoshobora gutuma muteramira hamwe mukaremeshanya, na canecane mworushiriza kuremeshanya igihe muhejeje kuyiraba mworimbura ivyo mwayigiyeko, mukoresheje ibibazo biri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2004.

7. Ni mu turyo utuhe ubona wokoresha amavidewo yacu?

7 Utundi turyo: Ni mu tundi turyo utuhe ubona woshobora gukoresha amavidewo yacu 20 atandukanye? Ubona muri izo videwo woshobora kwereka imwe canke zibiri umuntu wama ugendera ngo umufashe gutera imbere mu vy’impwemu? Mbega ayo mavidewo yoshobora kugufasha ukabonwa neza n’incuti zawe zitari Ivyabona, ababanyi canke abo mwigana? Amavidewo yacu arimwo ibintu umuntu ashobora kubona bikora ku mutima, vyigisha, kandi vy’ingirakamaro. Nuyakoreshe rero mu kwigisha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika