ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Abantu barashoboye gukora ivyiza vyinshi, ariko bakunze gukora ibibi vy’agahomerabunwa. Woba urigera wibaza ikibituma? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga inyishu ishingiye kuri Bibiliya. Kirasigura ukuntu iciza kizoteba kigatsinda ikibi”. Soma Abaroma 16:20.

Réveillez-vous! Nzero

“Vyoba bimaze gushika ukibaza ukuntu isi izoba imeze mu myaka 20 canke 30? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 119:105.] Bibiliya iratumurikira kugira dushobora gutahura ingene bizogenda muri kazoza. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ubuhanuzi bwerekana aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe be n’igituma dushobora kurindira kazoza gahimbaye”.

Umunara w’Inderetsi 15 Nzero

“Muri iyi myaka ya vuba, abantu bitwararika ivyerekeye abamarayika bagiye barongerekana. Woba urigera wibaza abamarayika abo ari bo, be n’ico bashobora gukora ku buzima bwacu? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 34:7.] Iki kinyamakuru kirihweza ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ibikorwa vy’abamarayika, vyaba ivyo muri kahise, ivyo muri iki gihe be n’ivyo muri kazoza”.

Réveillez-vous! Nzero

“Usanga muri iki gihe hariho impanuro ku kintu ico ari co cose. Wibaza ko dushobora kuzizigira ku rugero rungana iki? [Rindira yishure, uce usoma 2 Timoteyo 3:16.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irerekana igituma dukwiye gukoresha Bibiliya nka yo soko ryo kwizigirwa ry’ubukerebutsi ngirakimazi”. Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika