Nitwigishe abicisha bugufi kugendera mu nzira ishimwa n’Imana
1. Guhindura abantu abigishwa bisaba iki?
1 Vyaravugwa ko abigishwa ba Kirisitu bo mu kijana ca mbere bakurikira ya ‘Nzira’ (Ivyak. 9:2). Ubukirisu nyakuri busaba ko umuntu abaho abwisunga mu mice yose y’ubuzima (Imig. 3:5, 6). Ku bw’ivyo rero, igihe turongora inyigisho za Bibiliya, turakeneye gukora n’ibindi uretse kuronsa abo twigana ubumenyi ntagakosa bw’ivyo Bibiliya yigisha. Dutegerezwa kandi gufasha abatohoji ba Bibiliya kugendera mu nzira ishimwa na Yehova.—Zab. 25:8, 9.
2. Ni igiki gishobora gutuma umutohoji wa Bibiliya yitondera amabwirizwa y’Imana?
2 Urukundo dukunda Yehova na Yezu: Urazi ingene ari urugamba ku bantu b’abanyagasembwa kwiyumvira, kwifata, kuvuga no kwigenza mu buryo buhuza n’ivyo Imana igomba (Rom. 7:21-23; Ef. 4:22-24)! Ariko rero, urukundo dukunda Imana n’Umwana wayo ruratuma abicisha bugufi barwana urwo rugamba (Yoh. 14:15; 1 Yoh. 5:3). Dushobora gute gufasha abo twigana Bibiliya gutsimbataza urwo rukundo?
3. Dushobora gute gufasha abatohoji gukunda Yehova be na Yezu?
3 Nufashe uwo mwigana Bibiliya kumenya ukuntu Yehova ameze. Hari umuvukanyi umwe yasiguye ati: “Abantu ntibashobora gukunda uwo batazi, ni co gituma ngitangura kwigana n’abantu, nca ndabereka izina ry’Imana muri Bibiliya, nkongera nkarondera ukuntu noshimika kuri kamere za Yehova”. Gushimika ku karorero Yezu yatanze ni bwo buryo bwiza cane bwo kwerekana ingene Yehova ameze (Yoh. 1:14; 14:9). Vyongeye, nukoreshe uruzitiro ruri ku mpera y’ikigabane kimwekimwe cose mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha kugira ngo ufashe uwo mutohoji kuzirikana kuri kamere zitangaje z’Imana be n’iz’Umwana wayo.
4. (a) Ni kubera iki abatohoji benshi babona ko kwamamaza bitoroshe? (b) Dushobora gute gufasha abo twigana Bibiliya kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu?
4 Nitwigishe biciye ku karorero dutanga: Kubera yuko turi abigisha n’abarongozi, turereka abandi ico kugendera mu nzira ishimwa n’Imana bisobanura, biciye ku vyo dukora (1 Kor. 11:1). Nk’akarorero, abatohoji ba Bibiliya benshi ntibamenyereye kwegera abantu batazi kugira ngo bababwire ivyo bizera. Ku bw’ivyo, vyosaba ukwihangana be n’ubuhanga kugira ngo tubafashe gutsimbataza urukundo, ukwizera be n’uburindutsi bikenewe kugira bagire uruhara mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa (2 Kor. 4:13; 1 Tes. 2:2). Icipfuzo dufise co kuyobora abo twigana Bibiliya kizotuma tubaguma hafi igihe batanguye kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu.
5. Ni mu buryo ki akarorero keza gafasha abatohoji kubona ico bisaba kwitondera amabwirizwa y’Imana?
5 Akarorero utanga karashobora kwigisha abatohoji mu yindi mice ihambaye y’ukubaho rukirisu. Igihe ugendera abarwaye canke uramutsa abandi ku makoraniro y’ishengero ubigiranye igishika, barabona ko urukundo rwawe atari urwo ku karimi gusa (Yoh. 15:12). Igihe wifatanya n’abandi mu gusukura Ingoro y’Ubwami canke mu gukorera abandi ibintu kanaka, uba uriko arabigisha gusukurira abandi (Yoh. 13:12-15). Igihe babona yuko uguma woroheje ubuzima, baca batahura ico bisaba ‘kubandanya kwitwararika ubwami’.—Mat. 6:33.
6. Ni ivyiza ibihe biva mu gufasha abicisha bugufi gusukurira Yehova?
6 Igikorwa co kwigisha abandi Ijambo ry’Imana be no guhindura abantu abigishwa gisaba akigoro kanini. Yamara, ese umunezero tugira igihe tubona abicisha bugufi bariko “bagendera mu kuri”!—3 Yoh. 4.