Woba uhora ubaza abo muganira ko hari abandi bokurangira?
Mu gihe woba ufise uwo mwigana Bibiliya, kubera iki utobaza nimba hari abo mu bagenzi biwe, mu ncuti ziwe, canke mu bantu bazinanyi boshima kwiga ivyo Bibiliya yigisha? Kenshi na kenshi uzosanga aguhaye amazina nk’angahe. Uwo mutohoji abikwemereye, igihe ugendeye abo bantu woshobora kuvuga izina ryiwe kugira ubasabe ko wobarongorera inyigisho ya Bibiliya. Woshobora kuvuga uti: “[Izina rya nya mutohoji] yarahimbawe no kwiga Bibiliya, kandi yiyumviriye ko na mwebwe hari aho mwoshima kwungukira kuri porogarama yacu yo kwigisha abantu Bibiliya ku buntu”. Ca rero umwereka muri make ukuntu iyo nyigisho irongorwa ukoresheje ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
Nimba ufise uwo mwigana Bibiliya ariko atera imbere neza, woshobora kumuremesha gusigurira incuti n’abagenzi bobishima ingene inyigisho igirwa. Yoshobora kubatumira kugira babe ari ho bari mu gihe co kwiga. Canke niba ivyo bitoba bibereye, yoshobora kuraba ukuntu wobonana na bo kugira ubereke ingene inyigisho irongorwa. Ivyo vyoremesha nya mutohoji gutangura kubwira abandi ivyo amaze kumenya muri Bibiliya.
Abo wama wasubiye kugendera na bo nyene boshobora kukurangira abandi mwoganira, naho ubwabo batoba baremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Igihe ubahaye ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, woshobora gusa kwibariza uti: “Hari uwundi muntu woba uzi yohimbarwa no kuronka mwene iki gitabu?”.
Turavye ukuntu ibihe vyihuta, twipfuza gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira dufashe abantu kwumva no kwemera inkuru nziza. Woba uhora ubaza abo muganira ko hari abandi bokurangira?