ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 4/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.

“Abantu benshi baremera ko dukwiye gukundana, nk’uko Yezu yabitegetse muri iki canditswe. [Soma Yohana 13:34, 35.] Ariko none, ni hehe twosanga abantu bariko barakurikiza inyigisho za Yezu mu buzima bwabo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingene twomenya abakirisu nyakuri muri iki gihe”.

Réveillez-vous! Ntwar.

“Urukundo rurakenewe rwose kugira ngo tugire agahimbare twongere tubeho tumerewe neza. Ariko rero, kuri benshi urukundo nyakuri ruragoye kuronka. Wibaza ko biva ku ki? [Rindira yishure.] Uburyo bumwe bwo kuronka urukundo nyakuri, ni mu kwiga kugirira abandi urukundo rutarimwo ubwikunzi. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico ivyo bisaba”. Soma 1 Ab’i Korinto 13:4-7.

Umunara w’Inderetsi 15 Ntwar.

“Benshi muri twebwe usanga barashikiwe n’ikintu kibabaje barabura uwabo. Woba usanzwe uzi uwu muhango uhumuriza? [Soma mu Vyakozwe n’intumwa 24:15, uce urindira inyishu.] Ariko rero, abenshi baribaza ibibazo nk’ibi: Ni bande bazozurwa? Bazozurwa ryari? Bazozukira he? Iki kinyamakuru kiravuga inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo”.

Réveillez-vous! Ntwar.

“Abantu benshi bemera ko Yezu ari Imana. Igitangaje, umwigishwa wa Yezu yitwa Petero yavuze ko Yezu ari Umwana w’Imana. [Soma Matayo 16:16.] None wewe ubona bishoboka ko Yezu agira kuba Imana akongera akaba n’Umwana w’Imana? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiri ku rupapuro rwa 12-13 kiraca irya n’ino ico kibazo, kikerekana ico Bibiliya ibivugako”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika