Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Abantu benshi baremera ko dukwiye gukundana, nk’uko Yezu yabitegetse muri iki canditswe. [Soma Yohana 13:34, 35.] Ariko none, ni hehe twosanga abantu bariko barakurikiza inyigisho za Yezu mu buzima bwabo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingene twomenya abakirisu nyakuri muri iki gihe”.
Réveillez-vous! Ntwar.
“Urukundo rurakenewe rwose kugira ngo tugire agahimbare twongere tubeho tumerewe neza. Ariko rero, kuri benshi urukundo nyakuri ruragoye kuronka. Wibaza ko biva ku ki? [Rindira yishure.] Uburyo bumwe bwo kuronka urukundo nyakuri, ni mu kwiga kugirira abandi urukundo rutarimwo ubwikunzi. Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico ivyo bisaba”. Soma 1 Ab’i Korinto 13:4-7.
Umunara w’Inderetsi 15 Ntwar.
“Benshi muri twebwe usanga barashikiwe n’ikintu kibabaje barabura uwabo. Woba usanzwe uzi uwu muhango uhumuriza? [Soma mu Vyakozwe n’intumwa 24:15, uce urindira inyishu.] Ariko rero, abenshi baribaza ibibazo nk’ibi: Ni bande bazozurwa? Bazozurwa ryari? Bazozukira he? Iki kinyamakuru kiravuga inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo”.
Réveillez-vous! Ntwar.
“Abantu benshi bemera ko Yezu ari Imana. Igitangaje, umwigishwa wa Yezu yitwa Petero yavuze ko Yezu ari Umwana w’Imana. [Soma Matayo 16:16.] None wewe ubona bishoboka ko Yezu agira kuba Imana akongera akaba n’Umwana w’Imana? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiri ku rupapuro rwa 12-13 kiraca irya n’ino ico kibazo, kikerekana ico Bibiliya ibivugako”.